IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Domitien Ndihokubwayo asaba abakozi ba OBR kugira indahiro kurya (...)

Domitien Ndihokubwayo asaba abakozi ba OBR kugira indahiro kurya igiturire

dimanche 14 Kigarama 2014

Domitien Ndihokubwayo, umukuru w’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR asaba abakozi b’ico kigo kugira umuziro ingeso yo kurya igiturire.

Ivyo yabishikirije kuri uno wa gatandatu, igenekerezo rya 13 Kigarama, mu gihe hari hatunganijwe inama ihuza abakozi bose b’ico kigo, yaba ab’ibujumbura no hagati mu gihugu.

JPEG - 36.3 ko
Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Muri iyo nama, umukuru w’ikigo OBR yasavye abakozi kwibuka inyifato n’ingendo umukozi w’ikigo OBR ategerezwa kugira imbere y’abamwitura. Domitien Ndihokubwayo yabasavye gukorera bose ata nkunzi, atawo bacaguye canke bashize imbere mu kurangura amabanga yabo, kugira imirimo ya OBR ishobore gushimisha bose.

Domitien Ndihokubwayo avuga kandi ko hambavu yo kubibutsa inyifato n’ingendo umukozi w’ikigo OBR ategerezwa kugira, kari akaryo kandi ko kwumviriza ingorane abo bakozi bafise kugira ibibazo vyabo bashobore kubitorera inyishu, kugira bakore bagororokewe. Aho abakozi ba OBR bakaba bashimikiye nko ku cerekeye ibikoresho bidakwiye nk’amamashini, aho bakorera usanga ari hato na cane cane mu ntara za ruguru, ubusumbasumbane bw’imishahara, n’ibindi vyotuma bakora borohewe mu kazi kabo ka minsi yose.

Ku cerekeye igiturire, Domitien Ndihokubwayo yabasavye ko hatosubira kuvugwa igiturire muri ico kigo. Ivyo akavuga ko abishikirije mu gihe amazi iminsi yumva abidoga ko badatunganirizwa neza, na cane cane ku mipaka aho havugwa abarya ibiturire. Asaba abakozi b’ikigo OBR kugira indahiro kurya ibiturire. Domitien Ndihokubwayo akavuga ko amategeko ahari abaha ububasha bwo guhana abarya ibiturire, muri uno mwaka hakaba hirukanywe abakozi bagera kuri cumi bagirijwe ko bariye igiturire canke baragize uruhara muri ico giturire.
Domitien Ndihokubwayo akemeza ko hamwe borwanya igiturire bivuye inyuma n’imiburiburi imiriyaridi cumi zokwinjira mu kigega ca Reta.

Tubamenyeshe ko muri iyo nama kabaye n’akaryo ko kubipfuriza Noweri nziza n’ umwaka umwiza w’2015.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.