IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC yasavye amatohoza ku barwanyi ba FDLR boba bari ku butaka (...)

EAC yasavye amatohoza ku barwanyi ba FDLR boba bari ku butaka bw’Uburundi

mardi 7 Mukakaro 2015

Inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko (EAC), yabereye i Dar es Salaam, kuwa mbere igenekerezo rya 6 Mukakaro 2015, yasavye amatohoza ku barwanyi b’umuhari FDLR bivugwa ko boba barashitse ku butaka bw’Uburundi.

Iyo nama yitabwe na Yoweri Museveni umukuru w’igihugu c’Ubuganda na Jakaya Kiwete wa Tanzaniya, yasavye ko ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (CIGL) hamwe n’umurwi w’abasirikare ujejwe kugenzura uko imbibe zubahirizwa (EJVM) vyokorana mu ntumbero yo gutohoza kuba FDLR bavugwa ko boba bari ku butaka bw’Urwanda.

Urwanda rwashize ahabona ko rufise amakuru ko abarwanyi b’ umuhari FDLR bashitse ku butaka bw’Urwanda.

Mu kwezi kwa gatanu 2015, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu Louise Mushikiwabo yavuze ko amakuru avuga ko aba FDRL bashitse mu Burundi atari ayo gufata minenerwe.

Ku ruhande rw’Uburundi,Reta ibicishije ku mushikiranganji w’imigenderanire Alain Aime Nyamitwe,irahakana ko ata bari mu murwi FDLR bari mu Burundi ,akamenyesha ko ata muntu yakoze ivyaha ku butaka bw’Urwanda uzokwigera yemererwa gushika ku butaka bw’Uburundi.

Naho Reta y’Uburundi yahakanye ayo makuru, Inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yafashe ingingo ko hakorwa amatohoza.


Van Naris Mugisha

Messages

  • abo bagesera bibikoko bashaka kumara abarundi nkuko bagomba kumara abanyagwanda Imana igakinga!babakureho vyihuta ahubwo bafatigwe ibihano yivyo bakoze Imana irinde abarundi ubwo bubisha!

  • Ibitagira akamaro barazzi kubitegeka kuberiki badategeka peter kurekura ubutegetsi? Canke bakore kumatohoza y’ubwicanyi buriko bubera mu burundi, mwese muri bamwe EAC igizwe nibihugu bibiri? Museveni na Kikwete? Ayo namanyanga

  • NIBASHAKE BAREKE FDRL SIYO YOZA KWICA ABARUNDI TUTABISHATSE NITWE TUZOBA TUGOMBA KWISAMBURIRAKO NKIMPENE

  • Amatohoza atanguye neza bazoca barara bahavuye bisubirire muri RDC. Ayo matohoza yanyu ntaco avuze.

  • Vyiza Amatohoza Yotangura Vuba

  • emma

    mbega abobagabo baba EFUDELELE baherereye hehe? none komuvuga efuderere ngwiraha mugihugu cuburundi ariko jewe nkaba mbona abakongomani aribo baraha iwacu nabo tubirukane?

  • Muratnguye!!mukuja muri congo m8twaj aba fdlr none ngo boba barikbutaka bw’uburndi,mubrundi hariy intambra?leta yacu mubrabe neza!!

  • ariko turagowe!!!! Mana kiz uburundi bwawe nimba arivyo

  • Nibagire Amatohoza Kunkoho Zivugwa K Zahaw Imbonerakunda! Ibisgay Bavytaremwo Buhoro N, Urwanda Ntirudukunda Turabizi!!

  • abo ba DD bazohinyuka!!! basigay bazana aba fdrl gufasha igiporisi??? yoooohh ndabatwenz kndi ndabagay pe!!!

  • umve ndababwire mwa ba DD mwe twaray duhambanye iteka imiryango ya gandaguwe na Adolphe hamwe na Ayubu.ikiriho rero Adolphe yitegure gupfa mu minsi mike ibaho kndi tumwish tuzoca tumuturira kugira umuhabara wiwe Nadine aba ku musaga hamwe numugore wiwe nabana ntibazobone nikiziga ciwe ahubwo umunyota wiw niwo uzoguruk ukabera umubavu abantu bose baba ibujumbura no mu micungararo.

  • ariko EAC isabe namatohoza kuvyo abantu bavugako hari umurgwi ugira utere uburundi uriko urakora imyimenyerezo murwanda mu makambi yagisirikare aherereye muburasirazuba bw’igihugu.

  • Yemwe sivyimbeshere barahari kandi iyi reta ya petero nkurunziza nayo nyene tuyibishirako kuko niyo irongoye igihugu kandi bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona,ndavuga nshake ndabizire na gusa rurapfyeta nakare ngo hapfa uwavutse,yemwe ababishoboye dufashe uburundi ntibugwe mu manga.

  • Ibihuha ngo uRwanda ruratoza abashaka gutera uburundi!! Ako ninde wababwiye ko urwanda rwabaha agaciro kangana gutyo twivanga muntambara za feki?!! Duta umwanya!! Turi busy turashaka icyaduteza imbere apana ibigambo.FDLR yo niba iraho muragowe,bishoboka twarashisha isazi ama ama rokete!!! Ako bavandimwe barundi ntitubanga ntihazagire ubashuka peee!!! Mvugiye nabandi bavandimwe babanyarwanda,ndakambura uwampayinka!!

  • Har’ibintu Bitangaje Nko Kwumva Ngo Aba FDLL Ngo Bari Mu Burundi.Ivyo Bivurwa N’izompunzi Zija Gusaba Ubuhungiro Mu Rwanda Basabishije Ibinyoma.Ico Mwomenya C’ukuri N’uko Dufise Igisirikare N’igipolisi Bifise Inguvu Gushika Naho Turungika Hanze Gufasha Ntivyokunda Ko Dutabaza Abansi B’igihugu Kibanyi,twofuma Dutabaza Ingabo Zacu Ziri Hanze. Tahura Izompunzi Murabeko Ivyo Bihuha Bidahera Ubunyene.

  • ABANTU BAGOMBA GUKORERA INTEBA ISHUSHE UBURUNDI,BIBUKE KO NA BO IGIHUGU TUGISANGIYE NAHO BARIKO BARAGIHUNGA ARIKO BURYA AMAHEREZO Y’INZIRA NI MU NZU.NI BARABE NEZA RERO BIKEBUKE.

  • Burya Ugwipfuriza Umukate Rugatwara Ivoka Muraraba Urwanda Rutwitanga Mumanyama Kuko Ivyagwo Bitahinyutse?Abatera Uburundi Amatwi Adusumira Niyo Bava!Inzu Y`umubanyi Ihiye Nagwawe Irafatwa

  • Mû Burundi ?Haha twe turikwije

  • Urwanda Nirureke Gutekimitwe Itagirahifatiye.FDRR bababwiye,kwirimuyihentara,yitwangwiki yomuburundi abahunga,nibabebasaba.ubuhungiro,batabanjekubesheri,gihugu,eregakiracari,kiwabo,nahobagihunze ntibagiyeburundu.bazokigarukamwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.