IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > ENS: Bahagaritse vy’agateganyo yegereyegere bahoramwo

ENS: Bahagaritse vy’agateganyo yegereyegere bahoramwo

lundi 11 Munyonyo 2013

Abanyeshure bo mw’ishure nderabigisha ENS (Ecole Normal Supérieur ) bafashe ingingo yo gaharika vy’imfatakibanza yegeregere bahoramwo, ku mvo y’uko ivyo basaba bigiye kwigwa.

Abanyeshure bo kw’ishure nderabigisha ENS bahora muri yegereyegere, bakaba bari bahagaritse ivyigwa ku mvo y’uko ivyo basavye batigeze babironka, ivyo navyo ni ibijanye n’urupapuro rw’umutsindo ruzoronswa umunyeshure ahejeje igice ca mbere c’amashure ya kaminuza mu gisata c’ubushakashatsi. Mu nteguro nshasha ya BMD, hamwe n’isubirwamwo ry’itunganywa ry’itegeko ngengashure ritaboneka.

Abanyeshure bo kuri iryo shure nderabigisha ENS bakaba bahagaritse iyo yegereyegere vy’imfatakibanza, kuko ivyo basaba bigiye kwigwa mu ruganda rwateguwe n’ubuyobozi bw’iyo kaminuza, aho bazokwiga ivyo bibazo vyabo banyeshure, nk’uko bimenyeshwa n’umunyeshure asanzwe ari mu baserukira abandi Firipo Ndikumana.

Mu manama yo guhanahana ivyiyumviro bagiye baragirana hagati y’abanyeshure hamwe n’ubuyobozi bw’ishure nderanigisha ENS baremeye gutegura uruganda ruzoba ku musi wa kane igenekerezo rya 14 Munyonyo 2013. Muri urwo ruganda, bakazokwiga ibibazo abo banyeshure bafise.
Kuri izo mpamvu zose, abanyeshure bo kw’ishure nderabigisha ENS bashimye guhagarika iyo yegereyegere vy’agateganyo.

Mwomenya ko iyo yegereyegere yahagaritswe vy’agateganyo ku munsi w’ejo yari yatanguye ku genekerezo rya 29 Gitugutu 2013.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.