Accueil > Amakuru > Amashuri > ENS yaratunganije inkino zo gusubiza hamwe abarezi n’abanyeshure
 ENS yaratunganije inkino zo gusubiza hamwe abarezi n’abanyeshure
 ENS yaratunganije inkino zo gusubiza hamwe abarezi n’abanyeshure
				
				mardi 21 Rusama 2013
Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013, ishure kaminuza nderabigisha ENS (Ecole Normale Supérieure du Bururndi) ryaratunganije ihiganwa ry’inkino zitandukanye.
Izo nkino zikaba zabereye ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi.
Kubwa Janvière Ndirahisha, umuyobozi w’ishure nderabigisha ENS, izo nkino zatungunijwe mu ntumbero yo gufasha gusubiza hamwe  abarezi b’amashure n’abanyeshure.
Mukamenya kandi ko ku mashure amwe amwe harangwa ukutumvikana hagati y’abanyeshure n’abarezi, bamwe bamwe bivuye ku mvo zitandukanye na cane cane kugira nkunzi kuri bamwe abandi ntibibukwe.
Ubu igice kinini c’abigisha bo mu mashure yisumbuye, n’abahejeje kuri iryo shure nderabigisha ENS.
Mariella Bukuru
