IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > EPL : Abategetsi babiri ba kaminuza y’Uburundi bakwiye kubogozwa

EPL : Abategetsi babiri ba kaminuza y’Uburundi bakwiye kubogozwa

dimanche 6 Ndamukiza 2014

Ingingo zose zafashwe zitunganya bushasha agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure bo mu ma kaminuza batoye ikibazo ca Reta zikwiye gufutwa. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe EPL ( Association Espoir pour la Promotion du Leadership).Iryo shiramwe risaba ko umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi n’umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bobogozwa

Mw’ishirahamwe EPL ryishinze guharanira uburongozi bwiza bamenyesha ko bababajwe n’ingorane zimaze iminsi muri kaminuza za Reta . Muri iryo shirahamwe bavuga ko ingingo zose zafashwe zisubiramwo bushasha z’agafashanyo gahabwa abanyeshure bo mu ma kaminuza zohagarikwa kugira abana barenga ibihumbi 10 batariko bariga basubire ku mashure mu mwidegemvyo.

Iryo shirahamwe riraratangazwa kandi n’ukubona inzego zitandukanye zibereye mu gacerere. Aha baradomako urutoke urwego rw’umukuru w’igihugu, urwego rw’inama nshingamateka, hamwe n’urwego rwa Reta.

Nk’uko bishikirizwa na Pascal Irariha, Reta yarikwiye kwicarira ico kibazo kuko hari abanyeshure benshi bari muhira i wabo hari n’urundi rwaruka rwahejeje rurindiriye kuja mu ma kaminuza hamwe n’abandi basigaje amezi atatu kugira baheze amashure yabo yisumbuye bari bakwiye gushikira ahantu hameze neza.

Mw’ishirahamwe EPL bavuga bavuga kandi ko igituma abanyeshure batitabira akamo batiyandikisha gushasha n’uko babonye ko ikibazo cabo cafashwe minenerwe kitariko kirirwa . Muri iryo shirahamwe babona ko Reta itarikwiye guhagarika ako gafashanyo kuko itayobewe ubukene bwugarije abanyagihugu.

Muri iryo shirahamwe rero basaba ko umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi hamwe n’umushikiiranganji w’inyigisho mu mashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bobogozwa kuko ikibazo carabananiye gutorera inyishu. Basaba kandi inzego zose zitandukanye guhagurukira ico kibazo.

Tubibutse ko abanyeshure bo mu ma kaminuza bamaze indwi zitatu zirenga bari muhira . Bakaba birukanywe mu bigo vya kaminuza inyuma ya yegereyegere bari batanguye. Ubushikiranganji bubajejwe bukaba bwaciye bufata ingingo yo kubirukana mu kiringo c’iminsi 10. Inyma y’ico kiringo. abo banyeshure bakaba baranse kugaruka kwiyandikisha. Imvo yuko kwanka akaba ari iyuko babona ko ivyo basabwa gutera ko umukono wari umutego bari batezwe na Reta.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.