IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Eularie Nibizi asaba ko Concours national yosubirwamwo

Eularie Nibizi asaba ko Concours national yosubirwamwo

vendredi 8 Rusama 2015

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Rusama niho mu Burundi bwose hakorwa ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashuri yisumbuye. Muri Reta bavuga ko muri rusangi cakozwe neza mu gihugu,ariko muri sendika STEB bakavuga ko cari gikwiye gusubirwamwo.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC Eularie Nibizi arongoye sendika STEB imwe mu masendika y’abigisha,yavusze ko ikibazo cakozwe mu bihe bibi vy’umutekano muke mu gihugu,aho nko mu gisagara ca Bujumbura hari abasohowe,bigashobora gutuma abanyeshuri batamenya ico kibazo nk’uko vyategerezwa.

Eularie Nibizi avuga ko afise amakenga ku banyeshuri batakoze ico kibazo kubera bahunze igihugu canke bahungiye hagati mu gihugu,mu gihe ico kibazo gifise uburemere bunini mu bijanye n’inyigisho mu Burundi.

Asaba ko ico kibazo cosubirwamwo mu gihugu cose,agahamagarira kandi amashirahamwe mpuzamakungu Unicef na Unesco akorera mu gisata c’abana n’ubumenyi kubandanya gushigikira Uburundi.

Mw’ishirahamwe SOJPAE bavuga ko concours national itari gukorwa mu gihe hari abahunze,abandi bagakora imitima idatekanye kubera babona bajanwa n’imodoka z’igisoda,abandi nabo bagashika batevye.

Mwomenya ko aheshi ku mashuri mu gisagara ca Bujumbura abavyeyi bahereje abana babo,ibitahora biboneka iyo ico kibazo gikorwa.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.