IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkuru y’abepisikopi isaba ko BNUB yokwongerwa ikiringo

Inama nkuru y’abepisikopi isaba ko BNUB yokwongerwa ikiringo

lundi 9 Kigarama 2013

Inama nkuru y’abepisikopi bo mu Burundi irashigikiye ko BNUB, ibiro vy’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi vyokwongerwa ikiringo c’ugukorera mu Burundi kuko ibikorwa barangura bikiri ngirakamaro mu buzima bwa poritike y’Uburundi.

N’aho umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira hamwe n’ubutungane bw’inyuma y’intambara bitarashirwaho, abepisikopi bo mu Burundi baremera ko Uburundi bwateye intambwe mu bijanye n’ukuva mu ntambara. Bisunze ibirangurwa n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, BNUB (Bureau Integré des nations Unies au Burundi), inama nkuru y’abekisikopi bo mu Burundi imenyesha ko ubwo buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bwokwongerwa ikiringo, kuko buriko burafasha kugarukana icizere n’icuka ciza hagati y’abanyeporitike. Aho bafatiye kuvyo ivyo biro vyaranguye mu gufasha gutahuka ku banyeporitike b’abarundi bari bahunze igihugu bivuye ku mutekano muke wakurikiye amatora yo mu mwaka w’2010.

JPEG - 24.8 ko
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, Umukuru w’inama nkuru y’abepisikopi bo mu Burundi

Ibiro vy’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi buriko kandi burafasha mu bijanye n’ibiyago hagati y’abanyeporitike hamwe na Reta, kugira bashobore gutegurira hamwe amatora meza yo mu mwaka w’2015. Inama nkuru y’abepisikopi bo mu Burundi isaba rero ko ivyo biro vyokwongerwa ikiringo kugira bibandanye bifashanya na Reta y’Uburundi kugarukana umwumvikano hagati y’abanyeporitike, gutegura neza amatora yo mu mwaka w’2015, hamwe n’ugufasha mu bikorwa vy’amahoro n’ugusubiza hamwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nagira nibutse ko Umunyamabanga w’Inama y’ABEPISKOPI gatorika b’i Burundi ari Patiri Lambert Niciteretse, uwo Musenyeri nawe akaba Umukuru wayo. Murakoze. Tomore rero ibintu, iyo hagize uwuhuba akosore. Murakoze.
    NB: Ntibikenewe ko ibi bija ahabona, c’est juste pour cette rectification.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.