IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ferederiko Bamvuginyumvira aranegura ingingo ya CENI ikumira bamwe mu (...)

Ferederiko Bamvuginyumvira aranegura ingingo ya CENI ikumira bamwe mu banyeporitike

mardi 19 Myandagaro 2014

Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA-FRODEBU amenyesha ko atashimishijwe n’ivyavuzwe n’umugwi CENI ko abafise ibibakurikirana mu butungane batazoshobora kwitoza mu 2015. Bamvuginyumvira Ferederiko avuga ko iyo ngingo ya CENI igamije gukumira abanyeporitike bamwe bamwe mu matora.

Mu nama yari yatunganijwe n’umurwi CENI mu ntumbero yo guhamagarira abanyamigambwe kwama bibuka kandi bakubahiriza itegeko rigenga amatora n’ikirangaminsi c’ayo matora, Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi w’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora, yamenyesheje ko abanyeporitike bose bafise imanza zibakurikirana mu butungane ko batokwizera kuzokwitoza, kuko muri uwo murwi batazobakira. Nk’uko Prosper NTAHORWAMIYE yabimenyesheje, abazokwitoza azoba ari abakwije ibisabwa vyose n’amategeko, harimwo n’ukuba batariko barakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi. Muri abo babwiwe kutazokwizera kwitoza, twobabwira nka Rwasa Agathon wa FNL, Alexis Sinduhije wa MSD, Leonard Nyangoma wa CNDD, Ferederiko Bamvuginyumvira wa Sahwanya FRODEBU, Leonce Ngendakumana wa Sahwanya FRODEBU na ADC IKIBIRI, hamwe na Tasiyano Sibomana wa UPRONA ishami riyoboka umushingamateka Karori NDITIJE.

JPEG - 79 ko
Ferederiko Bamvuginyumvira

Ferederiko Bamvuginyumvira, umwe muri abo bafise ibibakurikirana mu butungane, amenyesha ko iyo ngingo igamije gukumira abanyeporitike bamwe bamwe mu matora. Bamvuginyumvira aributsa ko mu matora y’2005 n’2010 hari abanyeporitike bari baciriwe imanza mu butungane, ariko bemerewe kwitoza ku neza y’igihugu.

Tubibutse ko Ferederiko Bamvuginyumvira afise urubanza rumukurikirana mu butungane, akaba yagirizwa kurenga ibigo, abamuhagaritse bakavuga ko yafatiwe mu nzu y’uburaro mu Kajaga, ari kumwe n’umupfasoni Joséphine Nzeyimana. Kuva agifatwa gushika arekurwe vy’agateganyo, Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagumye ashikiriza ko ari irementanya yakorewe mu ntumbero yo kumukumira ku rubuga rwa poritike.


Egide Nduwimana

Messages

  • HAHAHAHAHA HUMURA MUTAMA NTUGIRE UBWOBA NGO BAZOKUBUZA KWITOZA KUKO WARENZE IBIGO!!!!!!!!!!! OYA WIKUYE UMUSONGA, UMUNTU NUMUKENYEZI WAWE YAKUGIRIYE IKIGONGWE!!!!!!!!! NONE UBUTUNGANE BWOKUBURIZA IKI?????????????? WEHO WARIHAGAZEKO UGIFISE UMWE AZWI URETSE BAKAME YEMANGA MURIKABIZI NGO AFISE BATATU!!!!!!!!!!!! UBU AKABA ARIKO ATUBWOKO KUKO RASIYO YABAYE UMURENGERA NAWE AGASHOMERI KAMUREMBEJE.

  • NSAVYE NSHIMITSE KO UBUTUNGANE BUTOBUZA UMUNTU NUMWE KUZITOZA KUGITI CIWE, KUGIRA CNDD-FDD IZE IGIRE INGUVU MUGUHIGANWA BAZE BATSINDWE BAHIGANWE!!!!!!!!!!! HAMA TUZE TWIGINE INTSINZI YA CNDD-FDD DUFISE ABO TWIGAMBA!!!!!!!!!

  • hahaha yayayaya murantwengeje ushobora gusanga bamvuginyumvira kuva avuka atari bwaryamane numututsikazi hihihihihi yagira yumvire ubudasa!!!!! none umukenyezi wiwe ntimwamubonye kumboneshakure uwariwe??????? ndiko ndamubona asoma josephine amubwira ngo ( CHERIE JOJO )

  • None ayomatora yoba aramatora bwokoki kwabarikwitoza arabo nyene? CNDD FDD nahejeje gutsindwa nn ishaka kongera kuzana kajagari? Ewe Burundi waragowe?

  • mbega ayo yoba ari amatora nyabaki? nimureke kumaramaza u Burundi mu makungu.abokwitoje ni abo nyene muriko murakumira!!!!,kandi nizere ko mu Burundi atari abo gusa bakurikiranwa n’ubutungane.no muri CNDD-FDD harimwo abagirwa nivyaha. none FDD bagomba gutsinda batagiye mw’ihiganwa n’abandi? vyerekana ko ifise ubwoba bwinshi. jewe noshima ko FDD yoreka abashaka kwitoza bakitoza kugirango ntibizohave bizana impari.uwutsinda tubibone kandi n’uwatsinzwe yemere.hama Uburundi n’abarundi batekanigwe mu gihugu cose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.