IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Fondation Henry Dunant yasavye irekurwa rya Petero Karaveri (...)

Fondation Henry Dunant yasavye irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa

vendredi 25 Mukakaro 2014

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritique yashiriye ubutumwa Petero Karaveri Mbonimpa aho apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ubwo butumwa akaba yaburungikiwe na Fondation Henry Dunant yashinze umuryango utabara imbabare Croix Rouge kw’isi.

Ishirahamwe Fondation Henry Dunant yashinze umuryango utabara imbabare kw’isi ryarungikiye ubutumwa Petero Karaveri Mponimpa mu Mpinda, amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritique akaba ariyo yabumushiriye mu minwe. Vital Nshimiramina arongoye urunani rw’ayo mashirahamwe, FORSC, aho yari kw’ibohero rya Mpimba ari kumwe n’abari baje gushigikira Mbonimpa, kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2014, yamenyesheje ko ubutumwa barungukanywe ari ubwo kumwereka ko bamushigikiye, bongere bumutera intege.

Mw’ikete umuryango Henry Dinant w’i Geneve wandikiye Petero Karaveri Mbonimpa kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2014, umumenyesha ko wifadikanije hamwe nawe muri bino bihe apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kandi ko umushigikiye ku bikorwa vyiwe vyo gukingira agateka ka zina muntu. Mukibuka ko uwo muryango Fondation Henry Dunant wari waramuhaye n’agashimwe mu mwaka w’2011, kubw’ibikorwa vyiwe vyo gukingira agateka ka zina muntu.

Uwo muryango Henri Dunant ugasaba ko Mbonimpa yorekurwa mu maguru masha maze akabandanya yidegemvya, akora imirimo yiwe bashima cane.
Kw’ibohero rya Mpimba, kabaye n’akaryo ku banywanyi b‘ishirahamwe APRODH ko kuraba ingene Petero Karaveri amerewe, bagatera akamo abacamanza kudahirahira kuja mu karuhuko urubanza rwa Mbonimpa rutabanje kwumvirizwa.
Mwomenya ko abacamanza bimirije kuja mu karuhuko guhera kw’igenekerezo rya mbere z’ukwezi kwa Myandagaro.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.