IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Fondation Nsengiyumva Global Development mu mugambi w’ugushigikira ishure (...)

Fondation Nsengiyumva Global Development mu mugambi w’ugushigikira ishure nshingiro

mercredi 18 Nyakanga 2013

Mu ntumbero yo gufasha abana ba ntaho nikora bo muri komine ya Bugarama iri mu ntara ya Bujumbura, Fondation Nsengiyumva Global Development yahaye ibikoresho vy’ishure abana bava ku mitumba 15 igize iyo komine, ni ukuvuga abana 125.

Umuhanuzi mukuru wa musitanteri wa Komine Bugarama

N’akanyamuneza ntangere, umuhanuzi mukuru wa musitanteri wa komine ya Bugarama, akaba yamenyesheje ko igikorwa nk’ico c’ugufasha abana ba ntahonikora ari ciza, kuko abana benshi bishika ntibaje ku mashure, mu gihe baba bakenye ibikoresho. Ndetse akaba yahamagariye ababishoboye bose ko boterera, bagafasha mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere ry’ikomine yabo.

John Clinton Nsengiyumva arongoye Fondation

Umukuru wa Fondation Nsengiyumva Global Development akaba yamenyesheje ko atari ubwa mbere baza gufasha muri iyo komine ya Bugarama, kandi atari n’ubwanyuma. Amenyesha ko ubu batoye igisata c’indero, kugira nabo babashe gushigikira umugambi wa Leta w’ishure nshingiro. Akaba yasavye abana bose bahawe ivyo bikoresho kwiga cane kandi bakamenya kuko Fondation arongoye, eka nawe nyene ku gatwe kiwe batazigera bareka gushigikira umwana afise umwete, n’ishaka ry’ukwiga kuko yabuze uburyo, n’ibikoresho. Akaba yabariye abo bana kandi ko, aho isi igeze n’ibihe, uwutize aba ari inyuma rwose mw’iterambere ry’igihugu ndetse no mw’iterambere ryiwe n’iry’umuryango wiwe. Ari naco gituma bokwiga atabindi bibasamaza kugira ejo nabo baze bafashe abana b’Uburundi bashobora kuba badafise uburyo.

umuvyeyi

Yaba abavyeyi, abana n’abandi bose na cane cane abarongoye imitumba yo muri iyo komine ya Bugarama, barakengurukiye cane Nsengiyumva John Clinton asanzwe arongoye iyo fondation. Kuko ku bwabo, hariho abantu benshi boshoboye gufasha abakene, ariko ugasanga ntaco bakoze. Abo banyagihugu rero bakaba bahamagariye abandi bantu bose bafise ico bokora, kuza gushigikira abatishoboye bari muri iyo komine, na cane cane imvukira zo muri komine ya Bugarama.

umunyeshure

Twobamenyesha ko abo bana bose harimwo abo mu mashure y’isumbuye n’ayintamgo, baronka ibikoresho bigizwe n’amakaye umunani, ikaramu itukura n’iy’ubururu, agasandugu kagizwe n’ibikoresho bitandukanye ncamurongo (Boite mathematical).

Bobby Jean Marie Ndizeye umuvugizi wa Fondation

Mu migambi yabo ya kazoza rero, bakaba bipfuza gufasha mu gisata c’imibano, igisata c’amagara y’abantu, igisata c’iterambere ry’abanyagihugu n’ibindi. Bakaba ndetse bipfuza n’ukubandanya bafasha mu zindi ntara zose zigize Uburundi, nk’uko vyamenyeshejwe na Bobby Jean Marie Ndizeye umuvugizi wa Fondation akaba ajejwe n’ivy’amategeko. Ikindi kandi ni ukwo, aboba batashoboye kuja ku ntonde ariko biboneka ko bafise nabo nyene ingorane z’ibikoresho, bashoboye kuronswa ibikoresho babura, ndetse abandi barahabwa amafaranga akwiranye n’ibikoresho bindi vy’ishure badafise.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.