IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > FORSC yitwaye muri sentare ica imanza za Reta ku ngingo yababuza kugira (...)

FORSC yitwaye muri sentare ica imanza za Reta ku ngingo yababuza kugira imyiyerekano

mardi 24 Ruheshi 2014

Amashirahamwe ahurikiye mu runani FORSC yituye sentare ica imanza za Reta bitwarira ingingo yafashwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yabankira gukora imyiyerekano yo gushigikira Petero Karaveri Mbonimpa , bari kumwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru.

Nk’uko bivugwa na Janvier Bigirimana umushingwamanza w’urunani Forsc(Forum pour le renforcement de la societé civile), ingingo yafashwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati yo kubankira iyo myiyerekano, ntiyisunze amategeko ari co gituma bashimye kwitura sentare ica imanza za reta (cour administrative de Bujumbura).

Mu runani Forsc bamenyesha ko n’ubwo ubutungane bw’Uburundi bufise ingorane, barizera ko bagiye gutunganirizwa nk’uko biri mw’ibwirizwa Nshingiro mu ngingo yayo ya 60 aho ubutungane butegerezwa gutunganiriza uwo wese arenganijwe. Tubibutse ko uyo umunsi ugize uwa 38, Petero Karaverio Mbonimpa afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa guhungabanya umutekano wo mu gihugu no hanze y’igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • Jamuri ONU! Mbahomurega nimwahazunguka hakabaherana bizocabigendagute? Ndabasavye ntimuzokwiyahure Yezu arabategereje kugira abaruhure iyomitwaro ibaremereye.

  • Abo nabo nimba babuze ico bakora!! Aho bubahutse guhaguruka ngo baragiye batumbera muri sentari ngo bagiye kubaza igituma amanyanga yabo batayemereye huuuu

  • Babahaye ugutwi none bariko bashaka kuryana numutwebumvise ko vyosebirekuwe i Burundi none bama bariko bazana des non sensee only. Abo babita abagumutsi gusanatkindi bashaka agatwe ka Leta irongowe na CNDDFDD nat kindi bashaka guko nat numwe atazi ko Mbonimpa yare nze akarimbi. Nibabandanya nabo nyenebazohava bamusanga yo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.