IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gabriel Rufyiri yagirijwe urupfu rw’icegera ciwe, Manirumva Ernest

Gabriel Rufyiri yagirijwe urupfu rw’icegera ciwe, Manirumva Ernest

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yagirijwe, mu matohoza mashasha y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, ko ariwe yagandaguye icegera ciwe Ernest Manirumva.

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin Bagorikunda, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yashikirije ko ivyegeranyo baheruka gukorerako, harimwo n’icatanzwe n’igiporisi FBI, vyerekana ko Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ariwe yagandaguye uwari icegera ciwe Ernest Manirumva akwije imyaka itanu agandaguwe bunyamaswa, ikiziga kigatorwa ku muhana iwe. Nk’uko vyashikirijwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika Valentin Bagorikunda, ubutungane bw’Uburundi bwakoreye ku vyegeranyo abahinga bakoze ku bijanye n’urupfu rwa Manirumva Ernest, ari naco gituma sentare ya Mairie ya Bujumbura yuguruye dosiye y’amatohoza akurikirana mu butungane Gabriel Rufyiri n’abandi bantu bataramenyekana. Kubwa Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, inkuru zikwiye ziriko ziregerana, zerekana ko Gabriel Rufyiri ari mubagandaguye Ernest Manirumva.

JPEG - 7.5 ko
Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika

Mu matohoza abahinga bari bakoze, bari basavye ko ubutungane butumako ibihangange vyo mu giporisi hamwe no mw’igendereza vyavuzwe ko boba bafise uruhara mu rupfu rwa Manirumva. Aho tukaba twobabwira nk’umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza Général Adolphe Nshimirimana, uwari icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi Général Ndirakobuca Gervais, batazira "Ndakugarika", hamwe n’uwari arongoye igiporisi mu karere k’uburengero David Nikiza. Abo bose nta n’umwe yigeze atumwako kugira yumvirizwe, n’ibimenyetso ADN vy’abo bategetsi vyari vyasabwe ntivyigeze bikorwa. Valentin Bagorikunda akamenyesha ko basanze ivyo vyasabwe ataco vyungura amatohoza ubutungane buriko burakora.

Tubibutse ko ubutungane bw’Uburundi bwagirije Gabriel Rufyiri urupfu rwa Ernest Manirumva, inyuma y’iminsi ibiri gusa amashirahamwe yiyemeje gusaba kumenya ukuri kuri urwo rupfu amenyesheje ko azotunganya urugendo rw’amahoro ruzokorwa ku genekerezo rya 9 Ndamukiza 2014, bibuka imyaka itanu izoba iheze Ernest Manirumva, icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME agandagurwa bunyamaswa mw’ijoro ryo kuwa 8 Ndamukiza 2009, rishira iryo kuwa 9, ikiziga kigatorwa ku rugo iwe.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel Rufyiri yagirijwe ko ariwe yishe uwari icegera ciwe, Ernest Manirumva

Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyo uwo muskirizamanza yavuze nta shingiro bifise kuko basha ko gervais apfungwa kuko afise AMA dossier menshi yabanyuruje itunga ryigihugu,ahubwo nibatumeko ivyo bihangange bivurwa,bareke kwiteresha utunyoni,ubwo butungane turaziko peter nkuru ariwe mukuru abutwara,kuri barya bapfunzwe kururwo rubanza bazira ubusa,bavuga ko atabandi aribo nyene nurubanza baciye barunyarutsa,none ubu naho bariko bararondera ingene bohamba olucome.nibagezahotwese turabibona.

  • Bitebe bitebuke, ubutungane buzokora, kuko nta mvura idahita ! Ikimbabaza ni kimwe, hari abantu bazozira ivyo matazi mu makosa ariko akorwa na système DD. Nk’uwo mushikirizamanzamanza kizigenza wa Republika mwombwira ko akomeye mu mutwe ? Simvuga ko Rufyiri yera kuko nawe ni umuntu !! Ariko kugira avuge ngo basanze gutumako ibihangange bivugwa ataco vyomara ? Vyoreka kukimara gute kandi FBI yarasavye ko bobumviriza, kandi bagafata na ADN yabo ? Ukwo ni ukubatinya. Nta kibazo nibisamaze ariko bamenye ko tot ou tard abavuzwe bose aribo umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza Général Adolphe Nshimirimana, uwari icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi Général Ndirakobuca Gervais, batazira "Ndakugarika", hamwe n’uwari arongoye igiporisi mu karere k’uburengero David Nikiza bazokubitwa intahe mu gahanga. Hama Rufyiri niwigumye, namba hari utwo ufise urya, nube uradufungura kuko nta mwanya munini usigaje utinjiye Mpimba. Niko kanya bakuboneye aba DD. Ndakurahiye ba urasezera umuryango vuba cane uzoba uri mw’ibuye. Kandi kugira uzohasohoke si ubu vuba. Uzoza uri umutama ashaje, n’abana bawe batakikwibuka

  • Niko tharsse byurikuravuga nibyobifise ishyingiro? mbegishyano!!! Imana gusa.

  • Poritike yabananiye sha bariko bakora amarementanya

  • NSAVYE UBUTUNGANE BW’UBURUNDI KO BWO KWIGENGA KUGIRA UKURI KUJE AHABONA ABAGIRIZWA N’ICAHA BAHANWE BATARAVYE IGIHAGARARO C’UYU CANKE C’URIYA KANDI UKURI NTIKUNYEGEZWA !!!! ABACAMANZA BADAHAGAZE MAGABO BAZOSANGA BADAKOREYE KU MATOHOZA AKWIYE!!! BIGACA BITUMA ABARUNDI UBWABO BA TABWIZERA!!! DUSAVYE KANDI NABARYA BITA IBIHANGANGE KO BOBATUMAKO KUGIRA UKURI KUMENYEKANE

  • Birateye isoni nagahinda kubona ubutungane burimwo incabwenge zanonosoye ivyamategeko bubahuka kuvuga ko RUFYIRI ariwe yishe iceger ciwe. harasabwe iminsi itari mike eka gushika nubu ko hoba vya bipimo ADN kubadomwako urutoki ibihangange mugisirikare no mugipolisi. Abo bantu ntibigeze bahagarikwa ngo babazwe.Turatangazwa cane no kwumva Valentin yubahuka akagiriza rupfyiri. NTIBARYE NGO BARYAME ukuri kuzotsinda
    r

  • ce procureur n’a même pas honte de ce qu’il dit. On NE croira jamais àvos mensonges. Dieu quand même est juste, il ne permettra pas que sa créature soit assassinée atrocement, et les meurtriers biraramangire. Arrêtez vos cinéma Bagorikunda.

  • Asha ubutungane bwomugihugu cacu bwaherewe pe:aho rero bashaka aho bashirira munvuto rupfyikiri kuko azi vyinshi mubunyonyezi baigira;;Imana yo rugira vyose irabibona

  • Ewe mana garukira igihugu cacu ugeze aho umwansi ashaka.

  • ayo marementanya turayanse

  • Yaaaa DD murafise icambwenge kabisA ubu rupfyiri niwe yishe Maniruva yaaaa! Kandi mukubahukA mukabivugira ahabona mwibaza ko abarundi turi impumyi,nibiragi, DD genda muricabwenge

  • ukwo kuguma yizigitirira kubwo burongozi bwiryo shirahamwe nintumbero yukudashaka kwmukuri kumenyekana.mbega kuva iryo shirahamwe rishingwa ariwe aguma aritwara nicibare ciwe,bobura kumara abantu gute badashaka kuvirira ubwo buyobozi.harya manirunva niwe yari kumusimbura kubwo buyobozi,none yashatse kumwikiza,kugira be arahagumye.ndababwiyukuri hamwe yobukinjurako ukuri kuzoca kumenyekana kuwishe manirunva.ahubwo abo bagabo ntibabaho,ngo gupima ADN aba General,mbega umusoda afise ipite nkiryo bohurirahe numuntu ngwamwice,nimube mureka kwitiranya ibintu,ikindi kobatashize mwo umu General wubwoko bwabatutsi,bakavuga aba GN babahutugusa,ntimwunva kwabo bagabo bari bafise iyindi ntumbero igayitse.murahumba ayo nayahendwa abana,muza mutwicira abahutu motif ngo nitwebwe turiko turimaranira,abomubona mutoshikira kuko bacungerewe bikwiye mukaza mubaremeka inteba ishushe,ahubwo iyo ADN muririmba nibayikore kuri RUFYIRI,PACIFIC,SINDUHIJE,nurya ayoboye Foscqu Vital.obo ntibera mwugwo rupfu gwa manirunva.

  • Barundi Barundikazi burya hahinduka umuntu ariko intwaro ntihinduka.ivyo bamaze imyaka barwana biyamiriza nivyo ubu bikorwa.Reka dusabe uwo yabitangaje afate abantu bose bavurwa wanashaka na Rufyiri barikumwe babapime ADN atawutinye hama uwera yere uwagiriwe yagirwe.Reke guhengama ndazi nawewe ko ubu ata mahoro ufise mu mutima kuko ukuri urakuzi nuko utagira aho ukuvugira ariko ejo niheza

  • Ndagarutse naheruka kuri net mumpera zukwezi kwa 2 ariko imbere yavyose ndashaka kuramutsa uwitwa GIRAMAHORO nabandi bataribake nka Rukoko, na KAMEYA, ekanabandi basanzwe bamirirakure abirirwabarateguza abarundi ngo biteguye gutanguza mu burundi akarambaraye, ariko birazakuinshimisha mbonye aga comment kuwitwa GIRAMAHORO.
    Ariko ayamatohoza mbonyengaha ashoborakuba ariyo kuko ivyavurwako umuntu wumu General ariwe yagiyekwica umuntu vyaribirasobanutse! General yotuma bitabivyo akabireka, kuko ADN ntibayihamagarira umuntu yagirizwa ko yatumye bayihamagarira uwobiketseko ariwe yishe ubwiwe. Ndabasaba muzemuramenya gukoresha imvugo ishoboka numuntu ayisomye akumvako ivyobintubishoboka bitarinze kubamwo amakenga. Kuruwo Rufyiri mukuru wa OLUCOME turashaka mubisobanure nezako yobayaratumye abantu bajakwica Manirumva,kukomuvuzeko ariwe yishe navyonyenevyotugorakumenya ko ariwe yigiriye kwica ariko wewebirashoboka ariko yogera mumurwi bakabikora kandi kuri Rufyiri vyarikworoha babanje kumutembera nkabasanzwebakorana mazeyabaherekeza yibaza ngonabagenzi bakamwivugana, kandi birashoboka uryanyakwigendera yarincabwenge gusumba shebuja Rufyiri noneho rufyiri ashobora kubayarikekako yozohava amukura uwo rufyiri nawe mukabamubonako iryoshirahamwe yarigize kumugore wiwe igihe barahirira imbere ya padiri avugako bazotandukanywa nurupfu. Ndasubiriye nta General yogendakubundira umuntu ngo amwice ndavyumvise ahamuburundi. Ikindindabasavye munsengere ngirekwihangana kuko umwana narinavyaye kwibatisimu yafatiwe muriwamurwi wa MSD wariwiteguye gusenyura iyi reta irongowe na Nkurunziza.

  • Sha DD ibinyoma vyanyu twarabihaze ,mugezaho munshisha murateyisoni, mbe mwebwe ntimumaramara,amaraso yinzirakarengane musesa azobahumira.kuberiki batagize icogipimo ca ADR kurivyobinywamaraso bavuga ngovyemere bitange amaraso niba ataco biyagiriza.muragowe nimutihana!

  • Ndumiwe. Ndafise impuhwe z,iggihugu canje. Ndamaramara n’uko abàna bacu turiko tubareresha ibinyoma!

  • jewe icombona kurutibindi vyose nugusengera igihugu cacu kuko kigeze mukaga

  • jewe icombona kurutibindi vyose nugusengera igihugu cacu kuko kigeze mukaga

  • Asha iso yarumugabo yaguhaye izina rigukwiye(Bagorikunda)mbe kunumvise uvugujugumira watinyiki??atasoni urunyaguje ati ntimwokorera kumatohoza yakozwe na FBI!!!mutinya gutakaza adolph,ndakugaruka,david na bandi???none kuko Rupfyiri ababangamira mugira mumukorere inkonishushe maze mumute mumunyororo murabesha ntahukuri kuzotsindwa nikinyoma.

  • Abo ba DD nuko nyene bari mukutuvako ahandiho ibara ryari riguye!!Iumu rementanyalogue wabo afise un niveau dangereusement bas!!!

  • Ndakuramukije mufasoni MAMA,kandi ugire ukwigumya kwico kibondo cawe wahagarikiye kwibatisimu,cahenzwe kigakurikira ubwije,mugabo kazima atapfuye canke gwamugare azofungugwa niyatwara neza agahindura ingendo.erega buja igihugu kirimwo abavyiyi nuko abadashima ari bamyeho kuva no kuri YEZU CRISTU.yemwe yemwe umu General ntanimetero 1yoja ahantu adacunzwe nabasoda cankPNB.none yofata igisu akica umuntu akoresheje uburyo bumeze gute gayemwe? kiretse iyo ADN bayipimisha kumpwemu zumuntu kugira barabe ivyo umuntu yoba yavuze .cank bakayidimisha mubwonko bwumuntu,kugira bamenye ico umuntu yiyunvira,nayo bapima amaraso nayo kugira bamenye uwishe uwundi,bazopime abarundi twese kuko bazosanga abataribake barishe abantu nacanecane inzirakarengane,BARUNDI mwese ikintu gidutangaza nukwunva abantu nkabo bavuga ko barongoye amashirahamwe ngwataho yegamira,bakifatira mugahanga abantu bivyubahiro ngo bababonye bica naka,atavyemezo bafise,hama bakaguma bidegenvya nkuko.kuribo urubanza gwa Manirunva barahejeje kuruca,baranarusoma,barindiriye ikurikizwa ryagwo conyene,ico twomenya twese abarundi RUFYIRI Ntiyera kwugwo rupfu gwa Manirunva.babikoze muntumbero yokumwikiza manirunva,nokugira batere iceyi abo ba GNL,bibaye ngombwa bakuzwe mumirimo yabo,ikindi mucamubona ubwoko bwabo ba GNL nabahutu gusa,ntamututsi arimwo.NUKUBA MASO BARUNDI MWESE NTIKARAHERA,Ugwishe yanka ruracayirimwo.GIRAMAHORO na BAGABO!!!.

  • Giramahoro uranshisha!Ndamenye icatumye unanirwa n’amashure ni ubujuju bukurimwo!Ivyo vyiyumviro vyawe ubona vyubaka?N’ako kazi ukora urakwiye kusubiza itaburiya(uwo mwambaro)!!!!

  • B-)Nta gtangaje kirimwo abo ba dd iktabaho bobo kirabaho batavuzivyo ntiboba ari aba dd twarabanenye baragashira bose nibnywamaraso

  • Mbe burya murazi ?! Le malfaiteur tue l’homme mais n’atteint jamais son âme. Après le forfait, il essaie de se cacher; parfois osant même de jouer toute sorte de musiques, oubliant que l’âme du défunt, elle, le guette tjrs sans cesse. Ubukozi bw’ikibi bw’abarundi (bamwe bamwe) burarenze... ! Uravye neza inyifato z’aba na bariya zakurikiye urupfu rw’uwo muhisi Manirumva, jewe si mbona ico abari bajejwe gutohoza bari barindiriye kugira baronderere no muri urwo ruhande. Nayo kuvuga ngo barondera ADN z’aba généaux aba canke abandi, c’est de la diversion. Bisa n’uwovuga ejo ngo akeneye ADN y’uwo Rufyiri canke ya bagenzi biwe bavugwa kugira ngo ukuri abe ariho kumenyekana. Ni les ni les autres ne sont des exécutants (logiquement). Les uns ou les autres pourraient plutôt être des commanditaires de l’assassinat; d’où l’ADN de ces derniers importe peu ou pas du tout pour la vraie vérité. Kimwe gusa, cambu ca Inarunyonga n’umukazana, ni ukuronderera hose no musi y’urutara... .

  • wewe wiyi Anne uti ndagushisha,shaka wiyahure ko wunva ndagushisha,none nudahwe,ushake udahwe amaraso.ndunva kowakozweko iryo nashikirije,muga nibukebuke muzoza murahinduka buhorobuhoro,nawe ndakwibuka uri umu sans echec mukamenge,wibuke no kwishure kuri mubatwomoye mukatubuza amahoro,mukatuburagiza,urakwiye kuja kwigaya sha,ivyaha mwakoze bizobumako mpaka.uratwanka muga tuzobana tu,uwanka yangare,uraza sha duhurire mungagara dusangire kamwe.burya turaranvye,dusubire twiyunge,erega ngwintibagira ntiramba.Anne urihangana sha kubawakozwe ko niciyunviro canje,nibisanzwe,twarababariye irya yari shetani yabateye,nawe nakubabariye kuba wandengeye akarimbi,ntuzosubire.

  • NO KO LETA YA DD ITAGIRA ADN KURI BOOOSE BAVUGWA HARIMWO NA RUFYIRI KUGIRA IMPARI ZIHERE..REKA GUSAMAZA ABANTU WE BAGORIKUNDA NTA SONI!!!

  • Anne kuvuzeko GIRAMAHORO atamaze amashure wotubarira abarundi bamaze amashure? Jewenagira kumaramashure nukwubahiriza mugenzawe ukwarikwose? ukirinda kubwira umuntu yaremwe n’Imana kwagushisha? Ikindigiye uzobwir’Imana ngo iragushisha! wibuke koharihumuntu yasekuzimana umuntu yicishijebugufi mazemunyuma bizakumenyekanako uwoyasekuzimana yari Yesu!
    Imvugo yokugereranya ukabwira nuwutazi ngoyarananiwekwiga abeshi basanga aribo ubibwiye ntabwobireba GIRAMAHORO gusa abirabure,abazugu abarabu abahinde abantubomubihugu bitandukanye vyokw’Isi abatamaze amashure nibeshi zamuravuga mubangira ntimuzohavemwiteranya nabariKw’Isi bose. Iconshimira Imana nuko uwogiramahoro afisevyishi yokwigisha wewe Anne, canecane indero urayikenyecane.

  • wewe Mama et ngiramahoro reka gushavura ngo babariye ntimwaheje amashure sico cabaje Anne . icamamubabaje nukuntu atamuntu muzima yonezegwa imisi yose babantu bagowe , bashonje , batemwe , bapfunzwe, birukanywe mumashure, abana bafashwe kunguvu abagore, etc mwebwe mukaca mwigira ba SADIQUE kubera utwokurya twumusi umwe?

  • Ngubwo uburundi buyobowe nakarwi k.ibisuma burundi we ugana habi sinokubeshauuwishe manirumva ni reonard ubu bariko babeshera rufyiri nibagwe hiyp

  • Giramahoro,ko jewe abo ba sans echec uvuga atabo nabonye ,i Bujumbura ngiyeyo ngiye kwiga naho mwadutaye mw’ibarabara warambonye mu kamenge?Nguma mbona ko ivyo uvuga arivyikijuju nyene!Navutse 1995 ,mvukira i Gitega muri Gishwahiri wambonye mu kamenge gute?Ahubwo iyo uvugako wambonye bampetse navyemera!Urashisha!!!

  • Ariko Reka ako nakanyuma!
    Bashaka ko Rufyiri bamushira aho atoshobora kwerekana ubunyonyezi Bwakakazu ka Pita na Bunyoni na Adolphe!
    ariko murihenze karabaheranye basha!
    so sorry kubujuju bwanyu!
    ariko amaraso mwanyoye agiye kubagaruka murabesha!
    Imbonerakure=Interahamwe
    Raba iyobari uyumunsi!
    namwe niyomuja!!!!!

  • Anne nimba utunva neza,nkubwiye nti ntibikenewe ko duterana amajambo,nakare ndunva kutiyizi nicuri,kwunva uriko wigira ikibondo cenjo.muga niwafatwa mumidurumbanyo ntuzovuge ngura cari muto,mbona rugukurukuye,ubahiriza ivyiyunviro vyawe,ninaho uzoca wubaha ivyabandi,ikindi womenya Anne,mwe naNWARI jewe uvyo nvuga ndabifitiye ubuhamya bukomeye,ndabishingira intahe,kuko vyinshi narabibonye, bibondo vyanje ahubona jewe narababoneye izuba ndiko negereza imyaka50.urunva ko nobacira umugani,mwebwe muvyo muvuga nivyiyunviro mbona mufise muracari namaraso ashushe,muga ncuti zanje nobasaba kugenza buhorobuhoro,harya biragoye.

  • mbabarire mumpe umuco nigute umuvyeyi yogandagura umwanya wiwe yoba yashaka kumusubirira se?mbega f.b.i ntiyoba yakoreshejwe nabanyepolitique?ububutigu burageze karaciye ingani rufyiri bamuhore ukuri kwe.butungane bw’uburundi bukanura maremare mukurenganya bukagwara ubuhumyi mukuvuga ukuri. rufyiri ivyo urinze sivyo gusa ndumuntu muto ariko ndazi ko amasenge yumukene yizera aruta ivyiyumviro bigashe vyabigira ko babona.iyakuremye irakubona iyo ntumva ukuri kwawe sinemera ko hari imugakuri muburundi.

  • Giramahoro,urahenda abandi muvyo navuze ntavyonabeshemwo kandi uvuze ko uriko wegereza 50 usubiye kunshisha!Abana batatu ufise kandi ata 35 urakwiza uriko uhenda abantu?Ba uvuga ukuri kandi ayo yamacakubiri ufise uyahebe!Ndazi ko ndakuzi rero !!Kandi ubandanije guturira nzoshirako amazina yawe kuri ino site bakumenye bose!

  • Anne nuburenganzira bwiwawe kwandika ayon mazina wiyunvira mumutwe,kuko nimba uri mubatumariye abantu bishoboka kuba uyazi neza,nawe urazoca ushirako ayo yiwawe yukuri,apana kwiyita Amazina yabagore urikirumbagane cumugabo.iryoterabwoba rigezaho,namba wananiwe kuba ucurico nawe kura iyo taburiya usange SINDUHIJE iyo yagiye,namba ari mwenewanyu.wantunvawe,kuko ndakwise ikijuju nkuko wabinyise nomba mpemutse kumuvyeyi yakwibarutse,kandi umenyeko nawe ndakuzi neza,kuko nawe uranzi igihe mwahemuka narakubona,rindira sha wamugwi wokuvugana ukuri nokurekuriranira niwabaho twenawe tuzoshingintahe yivyo twabonye,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.