IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Gakora : Abanyeshure bavuga ko bafise ubukene bw’ibitabo n’abigisha

Gakora : Abanyeshure bavuga ko bafise ubukene bw’ibitabo n’abigisha

mercredi 22 Nzero 2014

Ingorane zitandukanye zirahanze amashure nshingiro, muri izo hakaba harimwo bimwe mu bicapo usanga bitabona mu bitabo, ibitabo bike, icirwa c’icongereza abanyeshure bavuga ko kibagora eka hakaba hari na hamwe usanga amashure atarahera kwubakwa.

Kw’ishure ryo mu Gakora riri mu bugenduzi bw’intara ya Bururi, abanyeshure bakaba barashikirije ingorane bafise umushikiranganji w’amashure matomato n’ayisumbuye zijanye n’iyo ngorane y’ibitabu, eka ndetse bakavuga ko hari n’ikibazo c’umwigisha, aho ubu bafise umwe, mu gihe uwundi nawe amaze igihe akitswe n’amagara.

Iyo ngorane rero ikaba izwi ndetse no mu buyobozi bw’amashure aho mu ntara ya Bururi nk’uko Remy Ndayikengurukiye abivuga. Amenyesha ko no mu yandi mashure amwe amwe yo mu bugenduzi arongoye, utugorane tumwe tumwe twibonekeza, ariko ko tuzotorerwa inyishu.

Umushikiraranganji w’amashure y’intango n’ayisumbuye Roza Gahiro nawe, akaba amenyesha ko ikibazo kihari mu bijanye n’inyigisho z’amashure akizi kandi ko vuba kizotorerwa umuti. Umupfasoni Gahiro akaba atanga akarorero ko nko muri komine ya Gitega, aho abigisha amajana atatu barenga kubakenewe muri iyo komine, ariko ugasanga, hari iyindi komine yo muri iyo ntara ibura abigisha bashika ijana.

Umushikiranganji akaba yemereye abo bana n’ubuyobozi bwose bw’iyo ntara gukurikirana ico kibazo co kimwe n’ibindi bibazo bihanze ubushikiranganji arongoye, mu bijanye n’inyigisho z’ishure nshingiro. Tukaba twobamenyesha ko, izo nyigisho, zimaze igihe gito zitanguye, ubu abanyeshure bakaba bari mu gice ca kabiri c’ivyirwa.

Mu rugendo umushikiranganji yagize aho mu Gakora, akaba yaciye aboneraho n’akaryo ko kwugurura amazi meza, azofasha abanyeshure biga kuri iryo shure. Ayo nayo, akaba yaje hageze mu gihe abanyeshure bahora bajabuka ibarabara bagiye kurondera amazi y’ukunywa.

JPEG - 69.2 ko
umushikiranganji Roza Gahiro ariko yugurura amazi

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.