IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikibazo c’inka zo mu Rukoko kiraraje ishinga abashingamateka

Ikibazo c’inka zo mu Rukoko kiraraje ishinga abashingamateka

samedi 22 Munyonyo 2014

Ikibazo c’inka zo mu Rukoko kiraraje ishinga abatari bake, aho ndetse no mu ngoro y’amakoraniro y’abashingamateka mu Kigobe, ico kibazo cabajijwe umushikiranganji w’umutekano.

Uwakibajije akaba ari umushingamateka Gasutwa Bonaventure, ahiwe akaba yeretse umushikiranganji Nizigama Gaburiyeri ko inka zo mu Rukoko hamwe zoguma zirukanwa zikabuza kunywa amazi, kurisha, hari agahombo kanini ku banyagihugu, kuko hari abari batunzwe n’amata ava muri izo nka, bakayadandaza ndetse akanahembura n’imiryango yabo. Umushikiranganji Nizigama akaba yishura ko izo nka zakuwe aho mu Rukoko ku bw’ikibazo c’umutekano w’abanyagihugu, mu gihe yaba mu ntwaro no mu gisirikare c’igihugu bose bemeza ko hari imirwi y’abasuma izanana mu Rukoko igaheza ikiba imihana y’i Gihanga.

Inka rero zirenga ku bihumbi 10 zikaba zitagira iyo zija niyo ziva, aho aborozi bavuga ko kugeza n’ubu hari zimwe zazimiye bataratora.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.