IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Gitega : Abanyeshure bo mu mwaka w’10 bariteguriye gukora ikibazo

Gitega : Abanyeshure bo mu mwaka w’10 bariteguriye gukora ikibazo

mardi 10 Ruheshi 2014

Mu gihe ikibazo co mu mwaka w’icumi buca gikorwa, no mu mashure yo mu ntara ya Gitega abanyeshure bariteguriye gukora ico kibazo.

Ico kibazo gisanzwe giha uburenganzira abanyeshure kuja mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye, kikaba kizokorwa kuri uwu wa 11 Ruheshi 2014 mu mashure yose yo mu mwaka w’icumi w’amashure yisumbuye. Bamwe mu banyeshure baremeza ko bashoboye kwitegurira ico kibazo neza, naho usanga batagiye bararonka ibibazo vyagiye birabazwa mu myaka yaheze, kugira bashobore kubona uburyo abandi babajijwe nabo babashe kwitegura nk’abandi.

Mwomenya mu bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye bavuga ko utugorane twose twari twibonekeje mw’itegurwa ry’ico kibazo twakosowe. Karitunze Ildephonse, umuyobozi ajejwe gutegura ico kibazo, akaba yamenyesheje ko kuri uyu wa 11 ico kibazo kizokorwa mu Burundi bwose, ndetse agahamagarira abanyeshure kwitegura neza, kugira baze bashobore kumenya, baje mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.