IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Gitega : Ibikorwa bitegura inama rukokoma y’indero vyatanguye

Gitega : Ibikorwa bitegura inama rukokoma y’indero vyatanguye

lundi 3 Munyonyo 2014

Mu ntara ya Gitega, abo vyega bariko barategura ya nama rukokoma ijanye n’indero itegeknaijwe mu kwezi kwa Kigarama uno mwaka.

Ibikorwa vy’urwo ruganda rutegura inama rukokoma ijanye n’indero vyatanguye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Munyonyo 2014. Umushikiranganji w’amashure y’intango Rose Gahiru yuguruje ivyo bikorwa vyabereye mu ntara ya Gitega mw’iseminari nkuru yitiriwe Yohani Pawuro wa kabiri, amenyesha ko intumbero nyamukuru y’iyo nama rukokoma y’indero ari kugira bigire hamwe ivyo vyose bijanye n’indero mu Burundi. Ni kandi mu ntumbero yo gutora inyishu y’ibibazo bihari, inyishu zirama zotuma haba akarusho mu bijanye n’indero mu Burundi hamwe no kubona abana b’abarundi nabo bashobora guhiganwa n’abandi yaba hano mu Burundi no mu makungu.

Tubamenyeshe ko iyo nama itegekanijwe kumara iminsi ibiri, tubibutse kandi ko igisata c’indero mu Burundi na cane cane mu mashure ya kaminuza gihanzwe n’ibibazo bitari bike aho hibonekeza amayegeyeregere y’urutavanako, aho mbere umushikiranganji yijeje abanyeshure ko bimwe bimwe mu bibazo bafise bizotorerwa inyishu muri iyo nama rukokoma y’indero yimirije.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.