IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega-Ruyigi : Ibarabara ryamaze umwaka umwe gusa rikozwe

Gitega-Ruyigi : Ibarabara ryamaze umwaka umwe gusa rikozwe

mardi 4 Ntwarante 2014

Abanyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi, bakoresha ibarabara rya Ruyigi-Gitega, bavuga ko ububi bw’iryo barabara bubangamiye abaricamwo, na cane cane abarwayi baricamwo baroye i Gitega, kuko bashika kwamuganga baremvye, ndetse bakitaba n’Imana badashitse iyo baja.

Nk’uko aya makuru tuyakesha bagenzi bacu b’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA, ku birometero bitatu gusa uvuye ku mugwa mukuru w’intara ya Ruyigi, ku musozi wa Murehe, iryo barabara ryarimburutse, gushika i Makebuko mu ntara ya Gitega aho ari ibinogo gusa. Muri iro barabara, abana batoza amafaranga, akaba aribo usanga bariko barahasuka utuvu, kugira abaharengana, bahebe, baronke aho bacisha ingendeshwa zabo.

Abagendesha imiduga yunguruza abantu bava mu Ruyigi baja i Gitega, bakoresha imiduga yitwa Kagongo, bakaba baja baradugije ibiciro, ku buryo itike yahora ku 3500, ubu yaduze ija ku mafaranga 5000 vy’amarundi. Iryo barabara rero, rikaba ryononekaye inyuma y’umwaka umwe gusa rikozwe. Ryari ryubatswe mu mwaka w’1994, rica ritabagara haheze ico gihe gito ritanguye gukora. Abarwayi baca muri iryo barabara baroye kwivuriza mu ntara ya Gitega, bakaba bashika iyo baja baremvye, abandi nabo, bagacikanira mu nzira.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.