IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Giteranyi : Kugaburira abana mu mashure y’intango vyatumye abaheba (...)

Giteranyi : Kugaburira abana mu mashure y’intango vyatumye abaheba bagabanuka

vendredi 6 Ruheshi 2014

Umugambi wo kugaburira abana watanguye mu mwaka w’2007 mu mashure y’intango yo mu ntara zimwe zimwe harimwo na Muyinga, utuma igitigiri c’abanyeshure baheba kigabanuka.

Ku bwa Anicet Minani umuyobozi w’ishure ritoya rya Giteranyi ya kabiri, avuga ko umugambi wo kugaburira abanyeshure ufasha cane kuko igitigiri c’abana baheba amashure cagabanutse. Avuga ko iyo umwana ashonje aca asiba mw’ishure. Ariko iyo umwana azi neza ko, niyaheza kwiga aza guca agaburirwa, biheza bikamufasha gutonda kw’ishure.

Anicet Minani avuga ko atari amashure yose agaburira abana, avuga ko amashure yatowe, ari amashure afise abanyeshure benshi, hamwe n’amashure ari iruhande y’amakambi y’abateshejwe izabo. Muri iyo komine, umuyobozi w’ishure rya Giteranyi ya kabiri, akavuga ko uretse ishure arongoye rigaburirwa, ayandi mashure agaburira abana ari Giteranyi I, Giteranyi III, Nyarutongo, Mangoma, Shoza, Rumandari, Makombe na Gasenyi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.