Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hagenwe abategetsi bashasha mu bushikiranganji bw’ubutungane
Hagenwe abategetsi bashasha mu bushikiranganji bw’ubutungane
mercredi 26 Ruheshi 2013
Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje amazina atandatu y’abacamanza bagiye gukorera mu bushikiranganji bw’ubutungane.
Amazina atandatu yose uko umukuru w’igihugu yayarungikiye inama nkenguzamateka niko yemejwe.
Muri ayo mazina yatanzwe kandi akemezwa n’inama nkenguzamateka, harimwo Eliya Ntungwanayo umututsi wo mu ntara ya Mwaro yagenwe ngo abe icariho c’umukuru wa sentare ntahinyuzwa, Nivela Nduwayo umuhutu wo mu ntara ya Karusi agiye kurongora sentare y’ubudandaji muri gisagara ca Bujumbura, Anatole Manirakiza umututsi wo mu ntara Mwaro agiye kurongora sentare nkuru ya Muramvya, Nadine Nsabimana umututsi wo muri Bujumbura Rural agiye kurongora sentare nkuru y’i Bujumbura, Christine Nzeyimana umuhutu w’i Ngozi yagenwe kuba umuhanuzi muri sentare ntahinyuzwa hamwe na Elisha Mwasasu umuhutu wo mu ntara ya Makamba yagenwe mu kibanza c’icariho c’umushikirizamanza mukuru muri sentare ntahinyuzwa.
Twobamenyesha ko Elisha Mwasasu yateye impari nyinshi igihe abakenguzamateka bariko bariga ayo mazina kuko batahurijeko ku mwaka afise (34) n’uburambe bw’imyaka ine gusa mu kazi Elisha Mwasasu wo mu bwoko bw’abahutu yari afise.
Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yishura abakenguzamateka kuri ico kibazo yamenyesheje ko bigoye kuronka umuhutu yize igisata c’ubutungane kandi afise uburambe mu kazi.
Egide Nduwimana
Messages
4 Mukakaro 2013, 11:31, par agsg
kubera iki mu gutanga ubuzi baraba amoko?mbega uwudafise ubwoko abaye uwande?
8 Mukakaro 2013, 08:01, par bob
MU Burundi NTA BWOKO BAHISHA HARI ABATUTSI ABATWA NA BAHUTU NTA MUNTU ADAFISE UBWOKO NUMWE