IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hagenwe abategetsi bashasha mu bushikiranganji bw’ubutungane

Hagenwe abategetsi bashasha mu bushikiranganji bw’ubutungane

mercredi 26 Ruheshi 2013

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje amazina atandatu y’abacamanza bagiye gukorera mu bushikiranganji bw’ubutungane.
Amazina atandatu yose uko umukuru w’igihugu yayarungikiye inama nkenguzamateka niko yemejwe.

Muri ayo mazina yatanzwe kandi akemezwa n’inama nkenguzamateka, harimwo Eliya Ntungwanayo umututsi wo mu ntara ya Mwaro yagenwe ngo abe icariho c’umukuru wa sentare ntahinyuzwa, Nivela Nduwayo umuhutu wo mu ntara ya Karusi agiye kurongora sentare y’ubudandaji muri gisagara ca Bujumbura, Anatole Manirakiza umututsi wo mu ntara Mwaro agiye kurongora sentare nkuru ya Muramvya, Nadine Nsabimana umututsi wo muri Bujumbura Rural agiye kurongora sentare nkuru y’i Bujumbura, Christine Nzeyimana umuhutu w’i Ngozi yagenwe kuba umuhanuzi muri sentare ntahinyuzwa hamwe na Elisha Mwasasu umuhutu wo mu ntara ya Makamba yagenwe mu kibanza c’icariho c’umushikirizamanza mukuru muri sentare ntahinyuzwa.

Twobamenyesha ko Elisha Mwasasu yateye impari nyinshi igihe abakenguzamateka bariko bariga ayo mazina kuko batahurijeko ku mwaka afise (34) n’uburambe bw’imyaka ine gusa mu kazi Elisha Mwasasu wo mu bwoko bw’abahutu yari afise.

Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yishura abakenguzamateka kuri ico kibazo yamenyesheje ko bigoye kuronka umuhutu yize igisata c’ubutungane kandi afise uburambe mu kazi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.