Accueil > Ubutunzi > Hagiye kubakwa urugomero rw’umuyagankuba ruhuza u Burundi, u Rwanda na (...)
 Hagiye kubakwa urugomero rw’umuyagankuba ruhuza u Burundi, u Rwanda na Tanzaniya rugiye
 Hagiye kubakwa urugomero rw’umuyagankuba ruhuza u Burundi, u Rwanda na Tanzaniya rugiye
				
				samedi 1er Kigarama 2012
Urugomero rw’umuyagankuba rwitwa Rusumo Falls ngo rurashobora gutangura gukora mu mpera z’umwaka uza w’2013. Urwo rugomero ruzotanga umuyagankuba ungana na 80 MW uzogaburwa n’ibihugu bitatu u Burundi, Tanzaniya n’u Rwanda ku rugero rungana.
Ivyigwa vyogutanguza ivyo bikorwa rero ngo biriko biratera imbere. Idi Buhanga Presadi, umuhanuzi w’umushikiranganji w’ubutare n’agataka mu Burundi avuga ko hamwe urwo rugomero rwotangura gukora u Burundi buzoharonkera akoyoko kuko hari hasanzwe hari ubukene bwinshi bw’umuyagankuba. Amenyesha kandi ko urwo rugomero ruzotuma abagwizatunga mvamakungu bazana imitahe yabo mu Burundi.
U Burundi busanzwe bukoresha muri kino gihe umuyagankuba ungana na 30 MW. Urwo rugomero Rusumo Falls ruzotanga mu gihugu kimwe kimwe umuyagankuba uri hagati ya 25 na 30 MW. Presadi Buhanga yongerako ko urwo rugomero ruzotuma ubutare nka Nickel butangura gucukurwa hanyuma amahinguriro yugaye yugurure, eka mbere ngo n’amahinguriro menshi y’isima ariko aravuka azoharonkera umuyagankuba wo gukora.
Abashikiranganji bajejwe ubutare n’agataka mu bihugu bitatu u Burundi, u Rwanda na Tanzaniya bari bamaze indwi yose mu nama i Bujumbura kugira barabe aho uwo mugambi ugeze. Bavuga ko bishimiye ingene ibikorwa vy’abahinga biriko baragenda.
Abahinga bavuga ko kugira urugomero rw’umuyagankuba rwuzure rutangure gukora, bitwara imyaka itari munsi y’itanu, vyumvikana ko ugukurakuranya kuronka umuyagankuba mu makaritiye atandukanye bitazorangira vuba.
Mwomwnya ko ibikorwa vyo kubaka urugomero rw’umuyagankuba Rusumo Falls rbizotwara amafaranga arenga imilioni 440 y’amadolari y’abanyamerika.
Pierre Claver Niyonkuru
