IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Havard: Inyubakwa y’ubushakashatsi ku mico ya Afrika na Amerika

Havard: Inyubakwa y’ubushakashatsi ku mico ya Afrika na Amerika

lundi 23 Nyakanga 2013

Kaminuza yo mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika yitwa Havard, yaronse imfashanyo y’amadolari imiriyoni cumi na zitanu, azofasha mu kwubaka inyubakwa y’ubushakashatsi izoba igenewe ivirwa vy’imico ya Afrika canke iya Afrika na Amerika birikumwe.

Amadolari imiriyoni cumi na zitanu, ni amafaranga menshi kuko azofasha ikintu kiboneka nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Jeune Afrique, mu kwubaka iyo nyubakwa muri iyo kaminuza rurangiranwa, ndetse ikaba ari kaminuza izwi cane kuba yarasohoye incambwenge zikomeye zo mu bihugu bitandukanye vya Afrika. Umurwizatunga wo muri ico gihugun ca Leta zunzubumwe za Amerika Glen Hutchins, asanzwe nawe nyene yize muri iyo kaminuza, akaba yatanze amadolari imiriyoni cumi na zitanu muri uyo mugambi wa kaminuza ya Havard, kugira iyo nyubakwa izoce yitirirwa izina ryiwe. Kugeza ubu rero imiriyoni mirongo itatu zikaba arizo zimaze kwegeranywa na Slver Lake, kugira ico kigo citwa Hutchins Center for African and African American Research cubakwe, ariko akaba ayo ari nk’icakabiri cayakenewe.

Ako gaseke rero katanzwe na Hutchins buca gakomeza iyo kaminuza kuruta ukwo yari, ndetse kakayigumiza mu makaminuza rurangiranwa, ntikaje giturumbuka, ahubwo ni agaseke kagaragaza urukundo rumaze imyaka itari mike hagati y’umrwizatunga Hutchins amaze imyaka 57 y’amavuko n’umwigisha Henry Louis Gates w’imyaka 63 batazira Skip. Uyo mwigisha rero akaba asanzwe ari umwanditsi ndetse n’umushakashatsi w’imico y’abanyafrika.

Itanguzwa ku mugaragaro ry’iyo nyubakwa, rikaba rizovurwa kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu uyu mwaka, mu gihe iyo kaminuza ya Havard izoba iramutse ishikiriza ibikombe ku bantu bagiye barayifasha na cane cane mu vyirwa n’ubushakashatsi mu bisata vya Afrika canke mu bisata vya Afrika- Amerika. Ivyo birori rero bikaba bizoterwa iteka n’abantu bakomeye bo muri Leta zunzubumwe z’Amerika, harimwo umuhanuzi wa Obama Valerie Jarret, abashingamateka, abacamanza, n’abandi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.