IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hilaire Ndayizamba yasohotse ibohero yinjira ibitaro

Hilaire Ndayizamba yasohotse ibohero yinjira ibitaro

mardi 25 Munyonyo 2014

Hilaire Ndayizamba, uwagirizwa urupfu rwa Ernest Manirumva, ari mu bitaro "La Colombe" kuva ku munsi wa gatanu. Yasohotse ibohero rikuru rya Mpimba kubera amagara yiwe atifashe neza, akaba arwaye ingwara y’igisukari n’umutima.

Ndayizamba Hilaire amaze imyaka itanu, kuva mu 2009, apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yagirizwa urupfu rwa Ernest Manirumva, uwahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME. Inyuma y’iyo myaka ari mu mvuto yaciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe, abamuburanira barashikirije amakenga yabo ku magara yiwe, bakamusabira ko yotezurirwa kubera ingwara zidakira yari afise. Kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2014, abashingwamanza Déo Nzeyimana na Antoine Nzobandora barandikiye umushikiranganji w’ubutungane, bamwibutsa ingingo y’138 yo mu mw’itegeko nshikiranganji nimero 550/782 ryo kuwa 30 Ruheshi 2004, rivuga ko umupfungwa amaze umwanya munini mu mvuto, amagara yiwe akaba asinzikaye, ko ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, ariko uwo mupfungwa akabanza kwerekana icegeranyo cakozwe n’abaganga babiri bemeza ko amagara yiwe atifashe neza. Naho abaganga babiri, Sophonie Niyondavyi na Elysée Baransaka bemeje ko Hilaire Ndayizamba arwaye ingwara y’igisukari n’umutima, ubutungane ntibwigeze bufata ingingo y’ukumutezurira.

JPEG - 46.8 ko
Hilaire Ndayizamba

Hilaire Ndayizamba yahavuye afata ingingo yo kwandikira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kabiri kose, amusaba gutezurirwa kuko amagara amukitse, naho nyene akaba atashoboye gutezurirwa, nk’uko yari yabisavye n’abashingwamanza biwe bagasigura ko abirekurirwa n’amategeko. Umuryango wiwe waratangajwe n’ukubona abandi banyororo bari barwaye ingwara nk’iziwe baratezuriwe mu mwaka w’2010, ariko Hilaire Ndayizamba agumizwa mu munyororo.

Kuva kuwa gatanu w’iyi ndwi twaraye dusozereye, Hilaire Ndayizamba yarasohotse ibohero, yinjira ibitaro vya "Clinique La Colombe". Amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko yagiye aremvye cane, yatanguye n’ugutakaza ibiro.

Hilaire Ndayizamba yahagaritswe kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu 2009, aca yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba. Yaciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, yagirizwa urupfu rwa Ernest Manirumva uwahoze ari icegera c’umukuru wa OLUCOME.


Egide Nduwimana

Messages

  • Turasaba Pasifike wa FOCODE atumize imyigaragamvyo kugira Hilaore Ndayizamba arekurwe atanamimwe kirinzegusarwa.

  • Ehhhh iyo bikomeye aba dd bagutanga ko IKIMAZI none wagira ngo hafungwe aba generaux kandi uhari. Ushaka gutahura urabaza Radjabu.agashimwe bamuhaye.

  • Ugendera kuri pacifique nagira nawe wotunganya imyigarangamvyo yawe. Uragerageza urabe ko batazoguhongora

  • - LES ASSASSINS D’ERNEST MANIRUMVA SONT CONNUS? HILAIRE NDAYIZAMBA N’EST QU’UN BOUC EMISSAIRE
    - TOT OU TARD LA JUSTICE SERA REFORME POUR DONNE LA PLACE A DES MAGISTRATS MERITANTS ET NON MILITANTS DU CNDD FDD QUI APPLIQUE LA LOI ET NON CES MAGISTRATS NOMMES POUR LA CAUSE DU CNDD FDD
    NINDE ATAZI ABISHE MANIRUMVA? KO NA MBONIMPA ,,FBI YABADOMYEKO URUTOKI , ARIKO BARIDEGEMVYA ABO BA DAVID NIKIZA, LES SOIENT DISANTS GENERAUX QUI TUENT EN TOUTE IMPUNITE
    MAIS JE VOUDRAIS VOUS DIRE UNE CHOSE L’EX PROCUREU DU BURKINA FASO ADAMA SAGNON BARI BAMUHAYE MINISTERE ATWARA ARIKO BAMWIYAMIRIJE KUKO YABAYE UMUCAMANZA WIGITO MUGUHIRIKA URUBANZA RWA NORBERT ZONGO YISHWE NKA MANIRUMVA , AMARASO NTIYIJANA RINDIRA 2015 BUCA BIHINDUKA , UWISHE , UWASAHUYE ? UWAKOZE AMANYEMBWA NKAYO ABA DD BAHITIYE BARAKORA VYOSE BIZOJA AHABONA ? UBWO BUTUNGANE NABWO BUCIRA INKONDA HAZOGERA IGIHE ABACA IZOMANZA BABAHA IKIBANZA C’IGIHEMU KIBAKWIRIYE
    - A BON ENTENDEUR SALUT!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.