IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Hope Africa University yafashe ingingo yo kwongereza umutekano mu bigo (...)

Hope Africa University yafashe ingingo yo kwongereza umutekano mu bigo vyayo

jeudi 10 Nyakanga 2015

Kaminuza yitiriwe Umwizero wa Afrika (Hope Africa University) yafashe ingingo yo kwongereza umutekano mu bigo vyayokuva hatanguye kwibonekeza umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura.

Igikorwa co gusaka abinjira canke basohoka,bagenda n’amaguru canke n’imodoka mu bigo vya kaminuza yitiriwe Umwizero wa Afrika,iri muri zone ya Ngagara mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano mu bigo vya kaminuza Umwizero wa Afrika,akemezwa n’ubuyobozi bwa kaminuza,amenyesha ko kuva ico gikorwa gitanguye gukorwa haraheze iminsi itanu,inkoho zibiri imwe yo mu bwoko bwa Pistolet iyindi yo mu bwoko bwa kalashinkov iri kumwe n’ibisandugu bitatu vy’amasase biramaze gufatwa.

Ayo makuru nyene amenyesha ko izo nkoho zose zafatanywe abapolisi b’igihugu ariko bambaye umwambaro usanzwe w’abanyagihugu.

Mu buyobozi bwa kaminuza bavuga ko ingingo yo gukomeza umutekano bayifashe mu ntumbero yo gukinga ingorane y’umutekano yokwaduka mu bigo vya kaminuza mu gihe isanzwe ari kaminuza ifise abanyeshuri benshi kandi bava mu bihugu bitandukanye.

Abanyeshuri nabo nyene barashima iyo ngingo.Bavuga ko ariko yafashwe iteba kuko ikigo nk’ica kaminuza categerezwa gukingirwa umutekano bihagije.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Merci pour l’information.Ce sont toujours les policies au service de l’Etat qui sement la terreur et causent l’insecurite.!!!!!****Ayo makuru nyene amenyesha ko izo nkoho zose zafatanywe abapolisi b’igihugu ariko bambaye umwambaro usanzwe w’abanyagihugu.*******.Why is this?Ntigagira ababatwara c’est connu.Murakomeza mwicungere cane cane aho mumaze kubona akabi kazanana..

  • ryarya!ubu hariko hatembera impwemu mb kandi zirya imishaha y’agaciro ’’abategetsi’’impanuro ni uko zaterwa nutaganira umuntu ashaka kuzivya undi akoreshej iterbwob.nuko dusenge dusab ibiganiro igihug kib impore amen kandi amen!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.