IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Human Right Watch:Igiporisi cakoresheje inguvu zirenze mu myiyerekano

Human Right Watch:Igiporisi cakoresheje inguvu zirenze mu myiyerekano

mardi 16 Ruheshi 2015

Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Human Right Watch(HRW), rimenyesha ko igipolisi c’Uburundi cakoresheje inguvu zirengeje imbere y’abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Carina Tertsakian ajejwe Uburundi muri HRW avuga ko igipolisi c’Uburundi carashe mu bari mu myiyerekano kidacagura kandi cakubise cane abari mu myiyerekano,hamwe n’abapfunzwe bagirizwa kugira imyiyerekano.

Carina Tertsakian amenyesha ko abantu baharurwa mu macumi bapfuye,abarenga 300 nabo barakomereka kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane.Ariko amenyesha ko abagira imyiyerekano bose batayikoze mu mahoro,kuko hari abakoze ibikorwa bisinikaza gateka ka zinamuntu,bakomerekeje abapolisi,bonona inyubakwa n’imiduga.

Daniel Bekele ajejwe akarere ka Afrika muri Human Rights Watch,avuga ko igipolisi kitari gukoresha inguvu nk’izo cakoresheje mu kubuza imyiyerekano,canke ngo barase mu bari mu myiyerekano.

Kubwiwe,Reta yari kurekurira abanyagihugu bagashikiriza ivyiyumviro mu mutekano,bikaba ikimenyetso c’amatora meza,abaye mu muco kandi yitabwe na bose.

Kubwa Pierre Nkurikiye icegera c’umuvugizi w’igipolisi,ivyuka bikoroza amosozi biterwa abagira imyiyerekano,ariko aremera ko n’abari mu mihana bashobora gushikirwa kuko abagira imyiyerekano bahungira mu ngo z’abantu.

Pierre Nkurikiye yemeza ko igipolisi kitigera kirasa amasasu yica mu bagira imyiyerekano,ariko ko barasa mu kirere kugira babashwiragize.Avuga ko abapfuye canke bakomeretse bahitanywe n’amasasu atakaye atagenewe gufatabo.

Messages

  • Birateye isoni aho pierre nkurikiye avuga ko aba polisi batarashe amasasu yica,yibagiy ko aba polisi barasa benshi babafashe amafoto?yibagiy ko hari imboneshakure zo hanz zerekana abapolisi barik barasa abantu badugij amaboko cank abo barasa mu mugongo bariko barahunga!

  • waririmba ibirofa nkabirya wisize amarangi nkarya bwaca ngo uvugire police uburundi bugeze ahuntu bwitwaye buritwaye nabwo aho bugeze ntibuzi ubutwaye kuko ntanyene itegeko ahari

  • nkurikiye uri umuntu canke uri igishetani? Ntanubwoba wumva uvuga ivyo. Nimba conscience yawe ikureka ukavuga ivyo,warapfuye ubura abaguhamba. Abarashwe,baraswa mu mutwe,mu mugongo,munda,kumaguru,ayo namasasu yatakaye? Mbe wibaza ko atamafoto yafashwe? Wibagiye ko mukirere hari za satelites zimurika? Iyo mwaronse ivyo bibanza mutabikwiye,muhawe n’ishamba,bamugerageza mugire nubwo kurujo hoho

  • Arikokweri haribintu biteyisoni nka pierre nkurikiye arashoborakuvugakobarasa amasasu hejurukweri?nn abapfuye uwomubazaubwobapfuyemwoyobivuga wewe yafashinkoho ukwabandi tutazifata?niyemerekobabishebababona ariko Imana ihora yinumiye DD nabayigizebose tuzobasezererap!

  • Hahahah uwavuze ko akabi gatwengwa nkakeza ntiyabeshe. Eka uri Nkurikiye nyene. Harya izina niryo muntu ga nivyo. Ngo barasa hejuru ngo hanyuma insoro zigatakara, zigaca zija kwica abantu? Nuwogayana ntiyogeza iyo. Nadusobanurire igituma Godefroid Bizimana yankiwe na UN kuja muri centre Afrique kugarukana amahoro. Nimba atavyuzi, nuko ari umwe mubicanyi babandanya gunyanga agateka kazina muntu. Hari amafoto menshi hamwe n’ama video abandanya yerekana ababapolisi bari kurasa abantu. Shaka wihorere ivyanyu bigeze ahatemba.

  • ahubwo uwomuvugiz wigipolice akwiyekwishikana mubutungane abanje gutanga imihoho. iryoshirahamw naryo koryasohoye video banyarutse kuzidushikiriza twese tumenye abapolice batumariye abacu tubashengeze hama ubutungane buvemugacerere bukore.

  • muratey isoni muhumba buhoro pe! esekuki muhakana ivyabaye?

  • Ahubwo Aba Porisi Bacu Naba Sirikare Nibakomere Kumiheto Turinyuma Yabo

  • Ahumbwo uyo mu police akwiye gufatwa avuga ibinyoma gusa. Ntagir ngo ntitwababafasha abarashe bose turabazi

  • Ivyanyu vyo biratwngej.ni murke gutranya kko uko mkora surkundo rwacne muknda abrundi arko inyngu zanyu.

  • Ibi uyumu polisi avuze nivyo, kuko ukurikiranye uyuyavuze mwizina rya HRW yavuzeko aba polisi barasa batarobanuye burya kurasabatarobanuye jewesinamenye icoyashatse muvuga ntarero nobivugako. Arikorero urevye aba polisi bari hafiyabakora imyigaragamvyo ukuntubangana iyobaba bagenzwanokurasa barikwemera bakaganzwa nababatera amabuye kugezanaho aba polisi bashira imbunda zuzuye amasazu gubitugu bagata bakiruka abarimumwiyerekano bagakomeza kubabasha amabuye mumigongo!? Ikindi ntimwabonye ukuntu umu polisi umwe wumugore canke wumukobwa yafashe nabaruabaribagumutse bakagendabamukwegahasi abandiba polisi bagenziwe babirukankanye babatera amabuye nibiti namazirantoke mbere amatwi ansumira nuwomu polisi akabayaruhiye ngokwitaba Imana mbese nimbarivyo Imana imuhe uburuhuko budazhira. Jewe novugako bashinyaguriye aba polisi buburundi kubona baremeye bagapfisha ababo ariko bakirinda gukoresha inguvu ibirwanisho kandibaribabifife ariko HRW ntinavugeko bagerageje kuvyitwaramwo neza, yemwe niyaba mudashimiye kwaba polisi bi Burundi bagerageje ntimwitege kohari gihugu nakimwe kizogura nibibazo nkibi vyaribimazimisi Burundi aba polisi bazovyifatamwoneza nkuko abi Burundi bavyifashemwo.

  • TECHNOLOGY YARAMAZE KUBARENGERA UBU SAHO KUNYEGEZA IVYABAYE MUKWIYE KWEMERA MUGASABA IMBABAZI IBINDI TWESE TWARABONYE KO MWARASHE KU BANTU KANDI MWAHOHOTEYE BIRENGEJE ABABYAGIHUGU

  • mbega yemwe ukuri kwaroyehe????nkurunziza ngo ntamasasu yica aba PNB bakoresheje?basazabacu bishwe niki???ariko aradukora mu nkovu???ntaco IMANA irabona kandi izoduhora pe!

  • Mbega iryo sibara agire avuge kumwe kwa nzobonariba ngo uburundi ntibuzwi ;nimumumbarize ko commandat psr mu buyenzi ko yariko arasa hejuru erega ibiba vyose biramenyekana n’amanama abera mukinyegero aramenyekana nketsw aba babariko barasa abanyamakuru babona nimureke kwiha amenyo y’abatwenzwi impera n’imperuka Yesu azoca urubanza kandi sikera mumenye ko atari mwe mwihaye umwuka kandi ntimwibaze ngo umuntu apfuye biba biheze habanamba!

  • birateye isoni igipolice kigira genocide ku banyagihugu imbonerakure ko bazikuye ruguru bazizana mugisagara baca bazambika umwambaro wa gipolice baziha mission yo kwica abari muri manifestation bose badacagura uhumbwo igitigiri bavuga kirarenga kuko hariho abanyagihugu benshi banyurujwe nigipolice nubu tutazi irengero ryabo ego n’abanyagihugu baragize amakosa yo gutera amabuye no guturira ariko inzego z’igipolice n’ubu barabandanya banyuruza abantu

  • Ahubwo uyo muvugizi wa police nibamujane kwa rojanti azovyemera kobarashe nibamurabishako ntasoni agira ariko iyo leta nibazako idasumba imana izoyisenya igihe nikigera

  • KO AVUGA NAYATAKAYE KUKI AHITANA ABANTU BAYARASA KUBERA BICE ABO BAKINGIRA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.