IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ibanki y’isi yose yiyemeje gufata mu mugongo EAC

Ibanki y’isi yose yiyemeje gufata mu mugongo EAC

lundi 4 Munyonyo 2013

Umugambi w’imyaka ibiri uzofatwa mu mugongo ni banki y’isi yose wuguruwe. Uyo mugambi rero ukaba wugururiwe ahasanwze hakorera ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko na mugana Enos Bukuku asanzwe ari icegera c’umunyamabanga mukuru Wa EAC.

Muri ivyo birori hari umupfasoni Patricia McKenzie umuyobozi w’igisata c’ubutunzi mw’ibanki y’isi yose, uyo nawe akaba arongoye igice c’Afrika y’Ubumanuko n’iy’Ubuseruko, ari kumwe na Patrick Umah Tete umuhinga ajerjwe ivy’ubutunzi, akaba anajejwe n’iyinjira ry’ibihugu mu karere ka EAC, eka ndetse niwe arongoye umurwi w’abakozi bakuru mu biro vy’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe EAC.

Mw’ijambo ryiwe ry’ukwugurura ibirori, Bukuku yashimiye bimwe bivuye ku mutima ibanki y’isi yose mu kwitanga kugira ibikorwa vy’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko bishobore gutera imbere. Yabandanije avuga ko ibanki y’isi yose yemereye ishirahamwe rya EAC imfashanyo igera ku muriyoni umwe w’amadolare ya Amerika mu ntumbero yo gushigikira imwe mu migambi y’ishirahamwe.

Uyo mugambi w’ibanki y’isi yose kw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, ukaba uzofasha kandi mu gushira ku mugaragaro ibijanye n’amasoko. Muri ivyo birori kandi, umupfasoni Patricia McKezie asanzwe arongoye igisata c’ubutunzi mw’ibanki y’isi yose ku mugabane w’Afrika y’UBuseruko n’Ubumanuko, avugo ko hari imigambi ibanki y’isi yose iriko irategura, mu ntumbero yo gushigikira ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.