IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ibibazo vy’ukwinjira mu gice ca kabiri c’ishure shingiro vyatanguye (...)

Ibibazo vy’ukwinjira mu gice ca kabiri c’ishure shingiro vyatanguye gukorwa

mercredi 8 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bo mu mwaka w’icenda mu nyigisho z’ishure shingiro, hamwe n’abo mu mwaka w’icumi mu nyigisho za kera, batangura kuva kuri uwu wa gatatu gukora ibibazo bibaha uburenganzira bw’ukuja mu gice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro. Abo banyeshure bose hamwe bakora ico kibazo barenga ibihumbi amajana abiri.

Abo banyeshure bazokora ibibazo bitandukanye bijanye n’ivyigwa bitandukanye bakurikiranye. Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’inyigisho avuga ariko ko abazotora ico kibazo bazoca biga hamwe muri ico gice ca kabiri.

Mu kiganiro uwo mushikiranganji yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ko abari mu mwaka w’icenda w’ishure shingiro bakora ivyigwa vy’indimi (igifaransa, ikirundi, icongereza hamwe n’igiswahili), ibiharuro, ivyigwa vy’ubuhinga, ivyigwa vy’imibano, hamwe n’ivyigwa vy’ukwitunga mu buzima (Entrepreneuriat).

JPEG - 29.8 ko
Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’inyigisho

Abari mu mwaka w’icumi bakora igifaransa, ibiharuro vy’ubuhinga (Physique na Chimie).

Mw’itunganywa z’inyigisho nshasha z’ishure shingiro, abanyeshure bazoyoberwa ico kibazo ntibazoshobora kubandanya amashure yisumbuye, aho mukamenya ko naho bazoba batoye ivyigwa vyo mw’ishure, ico kibazo kibananiye batazobandanya izo nyigisho mu mashure yisumbuye. Bazoca bahabwa urupapuro (Certificat), hanyuma bigishwe imyuga.

Abazoba batoye ico kibazo nabo, yaba abo mu mwaka w’icenda w’ishure shingiro canke mu mwaka w’icumi mw’itunganwa ry’inyigisho za kera, nabo nyene bazoronka urupapuro (Certificat) rwemeza ko barangije umwaka w’icenda n’uw’icumi, bace babandaniriza hamwe mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye.


IGIHE

Messages

  • Ivy-indero y-uburundi nukubiha Iman mwize neza natwe mwishe imitwe y-abana muhinduye vyose mwishe igihugu ca kazoza

  • Ewebiragoye Sinize Arikonabone Bazosangatungana. Manabagarukirebamenye

  • Imana Yofasha Bakamenya Kugira Bazoronke Uburenganzira Bwo Kuja Mugice C’amashure Yisumbuye

  • Turagusavye Mana Utuj Imber Dushobor Kwunguruza Mumashure Yisumbuye

  • Nibaza ko uwatunganije ivyo bintu afise iyindi ntumbero atari iyo guha ubumenyi abanyeshure. Nta nahamwe ivyo biba atari iwacu gusa aho ubwenge babucuritse

  • ntakundi abanyeshure b’uwicenda na b’uwicumi turatashe niyo RETA Itatwiyumvirira!

  • ntakundi abanyeshure b’uwicenda na b’uwicumi turatashe niyo RETA Itatwiyumvirira!

  • None hoho komwatubajije nabi mugomba dutahe?Kiryakibazo mwabona kizokora abana bo mu mwaka w’icumi?Murabura mudusohore muduhe amasuka tuzorimisha n’imipanga yo gutema ahomutwirukanira.Mugomba tuzopfe twangara?Mugomba tu zorarekumena amazu y’abandi?Je ndabona atagihinduwe yuko indero muburundi ya titutse.Ngirango nukubera ayanyu mwayahejeje niho mudyoherwa dutashe.Naho atawawe yoba atarimwo siho woca ufata ingingo nkizo.

  • Nukuri Ivyo Mutugirira Ntimugire Ngo Nivyo Uwi Mana Yandikiye Kuyamara Azoyamara. Naho Muturya Imitima Mukaduhabura Ntangorane Burya Ubwatsi Burakura Bukabisa Ubundi Ivyo Mutugira Tuzo Bigira Abana Banyu Canke Abuzukuru Banyu Nimukomeze Uwandikiwe Kuyamara Azoyamara Imana Iratubona Naho Mushaka Kutugirira Uko Mushaka.

  • Nukuri Ivyo Mutugirira Ntimugire Ngo Turabishima. Uwi Mana Yandikiye Kuyamara Azoyamara. Muducurika. Mwongera Muducurura. Nimubitugire.Uko Mushaka Kandi Ubwatsi Burakura Bukabisa Ubundi Ivyo Mutugira Harigihe Tuzobigirira Abana Banyu Canke Abuzukuru Banyu. Nimubandanye Mutora Ibibazo Kuko Mwaradutoreye Turabona Courage.

  • Ukomubigira Kwose Nimudutahure Harigihe Vyobagarukako Abo Mumwaka W’icumi Mwabahaye Ibigoy Non Muratwirukanye Nbe Iyo Myunga Muvuga Bayiyize Mumwaka Wakangahe? Ntaco Imana Izoruca Iraraba Ubuzima Tugiye Kubamwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.