IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisabwa n’abatwa ntibibuza ivyiyumviro vy’abandi banyeporitike

Ibisabwa n’abatwa ntibibuza ivyiyumviro vy’abandi banyeporitike

jeudi 21 Munyonyo 2013

Abashingamateka n’abakenguzamateka bo mu bwoko bw’abatwa ntibiteguriye kuzokwemeza integuro y’uguhindura ibwirizwa n’aho bazohabwa ivyo bariko barasaba vy’uguserukirwa ku bice cumi kw’ijana mu buzima bw’igihugu.

Umurwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka bo mu bwoko bw’abatwa barandikiye ikete umukuru w’igihugu bamusaba ko umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro wosubizwa inyuma abo biraba bose bagaterera ku ngingo zohinyanyurwa n’izotosorwa. Muvyo abahurikiye mu bwoko bw’abatwa basavye, harimwo ugutomora mu ngingo ya mbere y’ibwirizwa shingiro ko igihugu kigizwe n’abahutu, abatutsi n’abatwa.

JPEG - 45.5 ko
Umushingamateka Alfred Ahingejeje

Umushingamateka Alfred Ahingejeje, ari nawe aserukira umurwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka b’abatwa amenyesha ko igituma bikwiye ko hobanza kuba ibiganiro, n’uko ibwirizwa shingiro rihari ubu ata kibanza riha ubwoko bw’abatwa. Ivyo abivuga mu gihe ubwoko bw’abahutu batomora ko buserukirwa ku bice 60, abatutsi nabo bagaserukirwa ku bice 40, vyose hamwe bigakwiza ibice ijana kw’ijana.

Kubw’uwo murwi, muvyohinduka bipfuza ko ubuserukizi bwabo bwova ku bashingamateka n’abakenguzamateka batatu, bugashirwa ku bice cumi nk’uko biri ku yandi moko aserukiwe ku bice bitomoye kandi vyanditswe. Mu gihe abatwa bohabwa ivyo bice cumi kw’ijana, abahutu boca baserukirwa ku bice 55 kw’ijana, abatutsi nabo ku bice 35.

Muri iryo kete barungikiye Kizigenza, umushingamateka Alfred Ahingejeje yibutsa umukuru w’igihugu ko n’abatwa ari abenegihugu, ari naco gituma bofatwa nk’abandi mu guserukirwa mu nzego zose z’igihugu. Alfred Ahingejeje amenyesha ko hategerezwa gutunganwa ikiganiro hagati y’abandi bose barabwa n’ubuzima bw’igihugu kugira ivyo abatwa basaba n’ivyo abandi banyeporitike n’abaserukira abanyagihugu baterera bishirwe mu nteguro y’ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro. Bitagenze uko, umushingamateka Alfred ahingejeje amenyesha ko batarota bemeze integuro yarungitswe n’inama nshikiranganji mu nama nshingamateka.

Mwokwibuka ko mu kumenyesha ko bazokwemeza integuro yo guhindura ibwirizwa shingiro, uwo murwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka b’abatwa uhambije umugambwe w’abadasigara UPRONA n’umugambwe FRODEBU Nyakuri, yompi iri mu nama nshingamateka, yamaze guhakana icese ko itazokwemeza iyo nteguro abandi bose batagishijwe inama.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.