IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Icuka ni kibi hagati y’abanyeshure n’ubuyobozi bw’uburaro muri kaminuza (...)

Icuka ni kibi hagati y’abanyeshure n’ubuyobozi bw’uburaro muri kaminuza y’Uburundi

mercredi 14 Rusama 2014

Mu kigo ca kaminuza y’Uburundi harangwa icuka kibi hagati y’abanyeshure n’ubuyobozi bw’uburaro (Régie). Intanduruko ya vyose akaba ari uko ubwo buyobozi bwashinze itegeko ko umunyeshure agiye mu buriro ategerezwa kwerekana ikarata y’uburaro mu gihe kare bahora berekana ikarata y’uburiro gusa.

Abanyeshure baserukira abandi bavuga ko batumva ukungene barinda gusabwa ikarata y’uburaro mu gihe bagiye gufungurirwa mu buriro, ivyo tukaba tubimenyeshwa na Ngabo Spageon, umwe mu baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi. Abo banyeshure bari mu buraro baratangazwa kandi n’ukungene guhera mu kwezi kwa mbere bagiye bakata umunyeshure ahaye indaro uwundi amafranga 4000 vy’amarundi. Abo banyeshure bakavuga ko batumva ingene bokwirukana bagenzi babo, mu gihe badafise aho baba, ndetse abo banyeshure bavuga ko bafise amakenga y’iyo ayo mafranga ajanwa n’ico akora, nk’uko Ngabo Spageon abandanya avyigana.

Anatole Nzinahora, umuyobozi w’uburaro arasigura imvo zatumye bafata iyo ngingo

Umuyobozi w’uburaro muri kaminuza y’Uburundi, Anatole Nzinahora avuga ko icatumye bafata iyo ngingo ari uko mu buriro bwa kaminuza y’Uburundi hamaze igihe haza gufungurira abantu batazi. Mu minsi yahera, uwo muyobozi avuga ko bafashe amakarata y’uburiro ya magendu ashika kuri 30. Igituma babasavye ikarata y’uburaro ni kubera ko yoyo iriko ifoto bituma bamenya umunyeshure aba mu bigo vya kaminuza, kuko ikarata y’uburiro ihindagurika buri kwezi ku kwezi kandi iroroshe gusubiramwo, ariko ikarata y’uburaro yo iragoye kwiba no gusubiramwo. Anatole Nzinahora, umuyobozi w’uburaro muri kaminuza y’Uburundi avuga ko atumva igituma abo banyeshure banana kwerekana ayo makarata, kandi basanzwe bazifise atarizo barondera gushasha.

Icerekeye amafranga 4000 bakata umunyeshure atanga indara ku wundi mu cumba mu bigo vya kaminuza, Anatole Nzinahora avuga ko bayatoza mu ntumbero yo gufasha mu bintu vya nkenerwa nko kuriha amatara n’amazi, kugura amamatera, gusubiriza ibiba vyononekaye canke vyashaje. Nk’uko bisigurwa na Anatole Nzinahora abivuga "ayo mafaranga aca aja mu mafaranga Régie yinjiza ico bita Recettes propres de la régie."

Abo banyeshure ba kaminuza y’Uburundi basaba ko izo karata z’uburaro zohagarikwa gukoreshwa mu buriro, namba ari ku mvo z’umutekano, ni bayikoreshe mu vyumba gusa. Basaba kandi ko ivyo gukatwa amafranga 4000 vyohagarikwa. Mu buyobozi bujejwe uburaro nabo basaba abo banyeshure gukoresha izo karata z’uburaro kugira bareke gukingira ikibaba abikika mu kiza bakaza gufungura muri ivyo bigo, kandi atari abanyeshure.


Floxella Karire

Messages

  • Murapfubusa gose, kubwirwako wokwerekana ikintu usanzwe ufise ivyontangorane vyariguteza nagato! Ikibi nukobarikwaduka bakabasaba ikintu mwebwe musanzwe mundafise nayo izo carde nimwaba muzifise mwarikuvyubahiriza mugihe mubibwiwe nabomusanzwe musi bafise icobajejwe kurivyobigo musanzwe mwigako.

  • harabantu iy bariko batanga ivyiyumviro vyabo umenga ntakaminuza yuburundi baciyemw.mb ayo mamatera bitwaz ivy bitanda ng nibindi bishaje aho twojayo twosanga nakimw kirasubirizw?ayo 4000 iy ataba yotanzw nukuvgak atakintu nakimw cosubirijw mri kaminuza?enda rr bash murek kuzan amategeko aremerey nkay kuri burundi bwejo nkubwo.buca kabiri aho muri bagahasubira.nn mwumva nibabagirir nkivy namw cank bakabigirir abana banyu bizobanezer?

  • harabantu iy bariko batanga ivyiyumviro vyabo umenga ntakaminuza yuburundi baciyemw.mb ayo mamatera bitwaz ivy bitanda ng nibindi bishaje aho twojayo twosanga nakimw kirasubirizw?ayo 4000 iy ataba yotanzw nukuvgak atakintu nakimw cosubirijw mri kaminuza?enda rr bash murek kuzan amategeko aremerey nkay kuri burundi bwejo nkubwo.buca kabiri aho muri bagahasubira.nn mwumva nibabagirir nkivy namw cank bakabigirir abana banyu bizobanezer?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.