IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > IGEBU : Imvura iracagwa ari nyinshi gushika mu kwezi kwa Rusama

IGEBU : Imvura iracagwa ari nyinshi gushika mu kwezi kwa Rusama

mardi 11 Ntwarante 2014

Ikigo IGEBU kijejwe ivy’ihindagurika ry’ikirere (Institut Géographique du Burundi) kimenyesha ko imvura azoba ari nyishi cane mu turere tutari duke tw’igihugu c’Uburundi.

Imvura izogwa ari nyinshi mu turere dutandukanye tw’igihugu, mu bumanuko, mu burengero bw’igihugu harimwo n’igisagara ca Bujumbura, hamwe no mu ntara kama za Buragane na Mugamba, iyo mvura ikazohagarara mu kwezi kwa Rusama 2014.
Ikigo IGEBU kimenyesha ko mu minsi mike kizoza kiramenyesha abanyagihugu ukungene imvura iza iragwa, n’urugero irwako nk’uko n’ahandi mu bindi bihugu bigenda.
Ivyo bimenyeshejwe mu gihe imvura yaguye mu gisagara ca Bujumbura muma karitiye yo mu buraruko yononye ibintu bitari bike, aho abantu bahasize ubuzima, amazu arabomoka, abandi barakomereka.

Iyo mvura ikaba yatandukiriye n’utundi duce two mu gisagara ca Bujumbura, mu Gatumba aho abantu bakomeretse mu mvura ivanze n’umuyaga yaguye ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa mbere, amazu arenga amajana atandatu arabomagurika, tutibagiye n’utundi duce two mu ntara zo hagati mu gihugu tumaze iminsi tubonekamwo imvura nyinshi. Inkuba ntizisiba kwiha inkumbi, imirima nayo igatwarwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.