IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Igihugu ca Tanzaniya caje imbere ya Kenya mu buhinga bwa Mobile (...)

Igihugu ca Tanzaniya caje imbere ya Kenya mu buhinga bwa Mobile Money

lundi 25 Myandagaro 2014

Igihugu ca Tanzaniya cagiye imbere igihugu ca Kenya mu buhinga bushasha bwo kurungika amafaranga hakoreshejwe terefone ngendanwa, nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe GSMA( Association mondiale des opérateurs télécoms).

Muri ubwo buhinga buriko buratera imbere kw’isi hadasigaye inyuma n’Afrika y’Ubuseruko, igihugu ca Kenya cahora kiri mu bihugu bikoresha rwose ubwo buhinga, ariko amatohoza yagizwe na GSMA akerekana ko igihugu ca Tanzaniya naco caje imbere ya Kenya. Mu mwaka w’2013 gusa, abanyagihugu bo mu gihugu ca Tanzaniya bakaba bashoboye kurungika amafaranga y’amashiringi angana n’umuriyaridi n’ibice umunani w’amadolari y’Amerika (1,8 milliards de dollars.) Ivyo rero bikaba vyerekana ko abanyagihugu bo muri Tanzaniya bariko barijukira ubwo buryo bworohereza abanyagihugu batobato mu gisata co kurungika amafaranga hakoreshejwe amaterefone.

Muri ico gihugu kigizwe n’abantu bagera ku miriyoni zababa hafi 50 z’abantu, ibice 14 gusa kw’ijana vy’abanyagihugu akaba aribo bakoresha uburyo bw’amabanki.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.