IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Igisata c’indero kirahanzwe n’ingorane zitandukanye

Igisata c’indero kirahanzwe n’ingorane zitandukanye

mercredi 7 Rusama 2014

Ikibazo giha uburenganzira abanyeshure bo mu mwaka wa gatandatu co kubandanya mu mashure yisumbuye buca gikorwa nk’uko umushikiranganji w’amashure y’intango abimenyesha.

Ikorwa ry’ico kibazo ry’umwaka wa gatandatu muri uyu mwaka w’2014, rikaba ritegekanijwe kuri uyu wa 27 Rusama uyu mwaka, aho abanyeshure bagera canke bari munsi gato y’ibihumbi amajana abiri, aribo biteguriwe kuzokora ico kibazo, nk’uko umushikiranganji w’inyigisho z’amashure matomato abivuga, igihe yariko aramenyesha ivyaranguwe mu bushikiranganji arongoye mu mezi atatu.

Ariko rero gushika n’ubu, umushikiranganji Rose Gahiru akavuga ko hakiri akagorane k’uburyo mw’itunganywa ry’ico kibazo. Ikindi umupfasoni Gahiro avuga, akaba ari ingorane y’ibirasi vy’umwaka w’umunani w’ishure nshingiro, gushira ku rugero rumwe abigisha bo mu mashure nshingiro, ibikoresho vyo mu mashure, ivyo vyose bikaba biri mu bibura kugeza uyu munsi nk’uko bibandanya bimenyeshwa n’umupfasoni Gahiro. Mukamenya ko ibice 70 kw’ijana vy’abanyeshure ari vyo bitegekanijwe kuzakirwa mu mwaka w’indwi w’amashure yisumbuye.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.