Accueil > Ubutunzi > Igitoro coba kigira gisubire kuduga?
 Igitoro coba kigira gisubire kuduga?
 Igitoro coba kigira gisubire kuduga?
				
				mercredi 13 Myandagaro 2014
Bimwe mu bibanza imiduga inywesherezako ibitoro ntibariko barabitanga neza, bakaba bikeka ko igitoro gishobora kuduga umwanya n’umwanya nk’uko babituyagiye.
Hamwe mu hasanzwe hanyweshwa ibitoro ku miduga, hagaragara, mu gihe ababa baje kunywesha imiduga yabo babarirwa ko ata gitoro bafise. Amakuru ikinyamakuru IGIHE cashoboye kumenya, akaba ari uko abasanzwe badandaza ibitoro mu Burundi boba bafise amakenga ko igitoro coba kigira kiduzwe. Ahasanzwe hari ububiko bukuru bw’ibitoro, mu kigo SEP, bakaba bavuga ko igitoro ari cinshi mu bubiko, ahubwo hari ingorane y’abasanzwe bagikura hanze y’Uburundi, aho ikigo kijejwe gutoza amatagisi ya Reta OBR coba cari categetse ko hoza haratangishwa amatagisi angana n’amafaranga atatu kw’ijana, ku gitoro cose cinjizwa mu Burundi. Abasanzwe barangura igitoro hanze bakabona ko koba ari agahombo kanini, mu gihe iyo ngingo yoja mu ngiro, na rirya basanzwe batangishwa amatagisi iyo bicinjira mu Burundi.
Mu kigo OBR ntitwashoboye kubaronka kugira batange umuco kuri iyo nkuru, ariko hakaba hari amakuru avuga ko iyo ngingo mu kigo OBR yoba yahagaritswe, naho atarawurayemeza muri ico kigo.
Aristide Nizigire
