Accueil > Ubutunzi > Ihinguriro ry’isukari SOSUMO ryahimbaje imyaka 25 rimaze ribayeyo
 Ihinguriro ry’isukari  SOSUMO ryahimbaje imyaka 25 rimaze ribayeyo
 Ihinguriro ry’isukari  SOSUMO ryahimbaje imyaka 25 rimaze ribayeyo
				
				samedi 2 Ntwarante 2013
Muri uyu mwaka wa yubile y’imyaka 25, ihinguriro ry’isukari SOSUMO ryaronse umwimbumbu ritari bwaronke, amatoni ibihumbi 23. Abarongoye SOSUMO bavuga ko vyavuye ku kwitanga kw’abakozi.
Hari kuri uyu wa gatanu italike 1 ukwezi kwa Ntwarante umwaka w’2013 aho ihinguriro ry’isukari SOSUMO ryahimbaza imyaka 25  rimaze rivutse.  Ryatanguye guhingura isukari mu mwaka w’1988. Ryubatse muri komine Gihhofi iri mu ntara ya Rutana.
Audace Bukuru, umuyobozi mukuru wa SOSUMO, arashima ko umwimbu wagiye uratera imbere uko imyaka yagiye iragenda. Mu mwaka  uheze w’2012, iryo hinguriro ngo ryaronse umwimbu ushimishije. Habonetese amatoni ibihumbi 23 y’isukari.
Ni irya mbere uyo mwimbu uboneka nk’uko umuyobozi wa SOSUMO yabishikirije. Mu mwaka wahera w’2011,hari habonetse amatoni arenga gato ibihimbi 18.
Uwo arongoye SOSUMO Audace Bukuru amenyesha ko ari imboneka rimwe kandi ko mu myaka iri imbere, iryo hinguriro rizokongereza umwimbu cane kurusha aho. Intumbero ngo ni iyo gushikira amatoni ibihumbi 35 ku mwaka hamwe no kugwiza imirima gushika ku ma hegitari ibihumbi 3.
Avuga ko uwo mwimbu mwiza wavuye ku bintu vyinshi. Umwumvikano no kuja inama n’ingingo hagati y’abakozi n’abakoresha. Ico ngo cari carabuze mu myaka iheze. Aho ni mugihe mu mwaka w’2008 abakozi 4 bari bakuwe muri iryo hinguriro SOSUMO bahorwa ko bariko baravugira abakozi muri sendika yabo. Baraburanye baratsinda hanyuma barasubizwa mu kazi inyuma y’umwaka umwe. Ivyo vyari vyateye icuka kibi hagati y’abakozi n’abakoresha bituma n’umwimbu ugabanuka.
Ikindi catumye haba umwimbu mwiza ngo ni ibirere vyagenze neza imvura igwa kugihe hamwe rero n’ivyuma bishasha vyaguzwe nk’imashini n’ibindi. Eka ngo n’imirima y’ibikaju bivamwo isukari yaronhgerejwe.
Audace Bukuru yamenyesheje kandi ko ihinguriro SOSUMO rifasha mw’iterambere ry’igihugu n’imibano. Ngo rizana amafaranga y’agaciro menshi kubera isukari ishoka mu makungu kandi ifise akanovera, rimaze kwinjiza amakori n’amatagisi arenga imiliyaridi 87 kuva rivutse mu mwaka w’1988.
Mu vyerekeye imibano, SOSUMO ngo yarateguye ikibanza kizokubakwamwo inzu zirenga 300 zizobamwo abakozi ba SOSUMO hamwe n’abandi baba hagufi canke abandi bifuza kuhaba. Ngo ryarubatse kandi ikibuga c’umupira w’amaguru gishobora kwakira abantu barenga 1000 bicaye. Iryo hinguriro rikoramwo abakozibarenga 500 ariko ngo bariyongera cane iyo hageze kwimbura isukari.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yarakeje ihinguriro SOSUMO n’abarirongoye hamwe n’abakozi ku mwimbu ushimishije ryaronse. Yabasavye kwama bafatanye mu nda kugira bateze imbere igihugu.
Pierre Claver Niyonkuru
