IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’abanyarwanda birukanywe mu Burundi catorewe inyishu

Ikibazo c’abanyarwanda birukanywe mu Burundi catorewe inyishu

samedi 2 Munyonyo 2013

Inyuma y’aho bivugiwe ko abanyarwanda baba mu ntara zimwe z’Uburundi bariko barirukanwa, abo nabo bagasabwa kurondera ivyangombwa mu gihugu cabo, kugira babone kuba mu Burundibikurikijwe amategeko.

Ivyo bikaba vyavugiwe mu nama yahuje buramatari w’intara ya Kirundo Reveriyano Nzigamasabo arikumwe na mugenziwe arongoye intara y’amajepfo y’Urwanda Munyantwari Alphonse kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya mbere Munyonyo uyu mwaka.

Mu gihe iryo yirukanwa ry’abanyarwanda baba mu Burundi batagira ivyangombwa ryasa nirigira ritosekaze imigenderanire iri hagati y’ibihugu vyose, buramatari w’intara ya Kirundo avuga ko hari udukosa tumwe twoba twaribonekeje mu gihe c’ugusaba abatagira vyangombwa kuja kubirondera, ivyo navyo bikaba vyagirizwa abarongoye imwe mu mitumba yo mu ntara ya Kirundo. Nzigamasabo avuga ko atakamaro na kamwe ko kwirukana abanyarwanda baba mu Burundi mu gihe bafise ivyangombwa. Eka n’uwari arongoye intumwa z’Urwanda avuga nk’uko. Munyantwari yavuze ko gusaba abanyamahanga kuba mu kindi gihugu babifitiye uburenganzira bitagirwa n’Uburundi gusa, biri kw’isi yose, ariko gusa ico gikorwa kikisunga amategeko.

Abari bitavye iyo nama bose barashima ukwo ibikorwa vyagenze ndetse, mu gihe vyatorewe inyishu kare amazi atararenga inkombe. Ikindi ni ukwo yaba abanyarwanda baba mu Burundi canke abarundi baba mu Rwanda, batosimbwa n’umutima kuko ibihugu vyose bigiye kwigira hamwe ico kibazo c’abanyagihugu bose baba muri ivyo bihugu, kandi vyose bikazokurikiza amategeko.

JPEG - 37 ko
Reveriyano Nzigamasabo i buryo bwa Alphonse Munyantwari

Aristide Nizigire

Messages

  • uburozi. ubugome, ishyali nibyo muzi gusa. mwabashingantahemwe. hiyo mubaha ibyobikaratasi. byimpapuro byalikubatewala iki?

  • hew @@Debora!! ubwo burozi wabubonyehe? wotubwira aho wabubony?

  • babandi mwiciye munkambi- sibantu! muhungiye murwanda 1993. nyuma yumwaka umwe sibwo amahano yadutse irwanda. harubwo abanyarwanda bali bazi gutemana? mucishe make barabazi nabatabazibozobamenya

  • Mwabarundi mwe amaraso yamwene maman mwiciye mukirundo azabakurikirana burundi mwamuzuzaga ko arumututsi kandi atariwe wiremye sinzamwi bagirwa !rekada .!jyewe ndumunyekongo uva imurenge. Nimucike kurizo ngeso zoguhotora imiremwa muntu. Bariya bana nabariya basaza babanyarwanda muri kubaziza iki? Murigana kikwete. Ibga ngo yiganye inka kunya murugo barayimani?

  • Abantu mutanga ibitekerezo canke ivyiyumviro nki mwatanze numva umengo mwataye ubwenge. Ubwo abarundi nibo batoje abahanuye indege ya Habyarimana? Nibo bishe abatutsi bo mu Rwanda na Congo? Abanyarwanda n’abandi bose bashaka kuba mu bindi bihugu nibige gukurikiza amategeko. Nayo imvugo nkizo tuzihebere mwebwe mufise ivyiyumviro vy’urwanko aribo mwebwe.

  • Abantu mutanga ibitekerezo canke ivyiyumviro nki mwatanze numva umengo mwataye ubwenge. Ubwo abarundi nibo batoje abahanuye indege ya Habyarimana? Nibo bishe abatutsi bo mu Rwanda na Congo? Abanyarwanda n’abandi bose bashaka kuba mu bindi bihugu nibige gukurikiza amategeko. Nayo imvugo nkizo tuzihebere mwebwe mufise ivyiyumviro vy’urwanko aribo mwebwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.