IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo c’abanyeshure bo muri kaminuza za Reta gisa n’icibagiwe

Ikibazo c’abanyeshure bo muri kaminuza za Reta gisa n’icibagiwe

mardi 29 Ndamukiza 2014

Urwaruka ruhurikiye mu runani AJDC (Alliance des Jeunes pour le Changement) rurarajwe ishinga n’ikibazo abanyeshure biga muri kaminuza za Reta bamaze ukwezi kurenga batariko barakurikirana ivyigwa. Basaba ababijejwe bose kugira ico batereye kugira ico kibazo gitorerwe inyishu.

Muri runani rw’urwaruka ruhurikiye muri ADC Ikibiri bavuga ko bibabaje kubona abana b’incabwenge barenga ibihumbi 18 bamara ukwezi muhira batariko barakwirikirana ivyigwa. Urwo rwaruka ruvuga ko ari akamaramaza kubona kaminuza imwe y’igihugu yugara imiryango mu kiringo kingana gurtyo kwose. Mbere bavuga ko batumva ukungene Reta itaragira ico ikoze kandi umukuru w’igihugu yama yasubiriyemwo ko ibigega vy’igihugu bibogaboga, nk’uko bivugwa n’umwe mu barongoye urwo rwaruka.

Urwaruka rwo mu runani ADC Ikibiri rusaba ababijejwe bose gukora ibishoboka vyose kugira kaminuza za Reta zisubire zugurure, bakure urwo rwaruka mw’ibarabara kuko naco nyene gishobora kuba kiri mu bintu bishobora gutuma umutekano uhungabana, nk’uko vyabonetse muri kahise nko mu mwaka w’1995.

Tubibutse ko ikibazo co muma kaminuza cavuye ahanini kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu risubiramwo uko gafashanyo gatangwa. Ubu impande zose yaba, urw’abanyeshure n’urwa Reta bagasa n’abari mu gacerere. Hakaba hibonekeza ukudadaza ku ruhunde rumwe rumwe rwose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.