IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo ca Leta cakozwe ukuri kwamye ku rwego rw’igihugu

Ikibazo ca Leta cakozwe ukuri kwamye ku rwego rw’igihugu

lundi 22 Mukakaro 2013

Ikibazo ca Leta gitanga uburenganzira bwo gutangura inyigisho za kaminuza cama gikorwa ku mwaka ku mwaka ku banyeshure bahejeje amashure yisumbuye, uno munsi igenekerezo rya 23 Mukakaro 2013 niho cakorwa mu Burundi bwose n’i Nairobi mu gihugu ca Kenya.

Muri rusangi, ahakorewe ico kibazo ca Leta vyagenze neza, kiretse utugorane tumwe tumwe twagiye turibonekeza. Ibigo vyari biteguwe gukorerwamwo ikibazo ca Leta mu Burundi bwose, bigera kuri 42.
Nko kw’ishure ryisumbuye rya Notre Dame de Rohero, kimwe mu bigo vyari biteguwe gukorerwamwo ikibazo ca Leta hano mu gisagara ca Bujumbura, hari hakoraniye amashure agera kuri 11, ayo nayo ni nka: Lycee Notre Dame de Rohero, Ecole Internationale de Bujumbura, FK New School, Iteletique, Conviviatilite, FW School, Avenir, Lycee Municipal de Buyenzi, l’Ideal Horizon, Lumiere de Kinindo na L. SZIVASI.

Kuri ico kigo ca Notre Dame de Rohero, hari hateguwe gukorera abanyeshure bagera ku 653, ariko ntibashoboye kuza bose. N’ubwo ico gitigiri c’abari bateguwe kuhakorera kitari gikwiye, ikibazo cakozwe ukuri kwamye, ingorane yahabaye gusa, n’uko ikibazo cacerewe isaha ku mwanya cari giteguwe gukorerwako. Vyagaragaye ko cagiye gutangura inyuma y’isaha abandi batanguye.

Donatien Muryango yari ayoboye ico kibanza co kuri Notre Dame, yamenyesheje y’uko ukwo gucererwa kwavuye ahanini ku kungene abanyeshure batari bwaronke bose amanomero bakorerako bica biragorana mukubinjiza mu masomero bakoreramwo. Ikindi naco, abacungera ibibazo bari bateguwe guhagarikira ikibazo ca Leta kuri ico kigo, abenshi bari bashasha, vyasaba ko babanza kubereka aho bakorera, baronswe n’amazina y’abanyeshure bahakorera.

JPEG - 2.6 Mo
Donatien Muryango yari arongoye ikibanza co kuri Notre Dame, hamwe muhariko hakorerwa ikibazo ca Leta

Muryango Donatien, yahumurije aboba bibaza ko hashobora kuba inkurikizi mbi kubw’ukwo gucererwa kw’ikibazo ca Leta, ko cohava cibwa kubw’aboba bahejeje gukora imbere y’abandi. Ingingo ihana aboshobora gufatwa bivye ikibazo, yarashinzwe, ku kibazo ca Leta c’uno mwaka, ivyo bihano navyo, ni nko kwaka impapuro uwo afashwe yivye, bagaca banamuhagarika gusubira gukora ico kibazo yoba ariko arakora. Ivyo bihano navyo bikaba vyisunzwe kw’itegeko nshikiranganji iraba ivy’indero, N01/016 ya 23 Ruhuhuma 1993. Ikindi naco, kugira barinde ubusuma bw’ikibazo cohaba, mw’isomero ryose hari hateguwe gukorera abanyehure batarenga 50.

Ikibazo ca Leta kikaba cakozwe mu Burundi bwose ku rwego rw’igihugu. Mwomenya kandi ko cari carateguwe gukorwa igenekerzo rya 15 Mukakaro 2013, ariko kubw’uguhagarika imirimo kw’abigisha bari muma syndika atandukanye, caciye cigizwa inyuma, ari n’aho caciye gitangura gukorwa uno munsi igenekerezo rya 23 Mukakaro 2013, kikazomara iminsi ine.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.