IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo co mu mwaka wa gatandatu cakozwe icese

Ikibazo co mu mwaka wa gatandatu cakozwe icese

mardi 27 Rusama 2014

Ikibazo ca Reta giha uburenganzira abanyeshure bo mu mwaka wa gatandatu kuja mu mwaka w’indwi, kiriko kirakorwa ukuri kwamye, mu Burundi bwose nk’uko mu bushikiranganji bw’indero babimenyesha.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Rusama, niho hakorwa ico kibazo giha uburenganzira abanyeshure bo mu mwaka wa gatandatu kuja mu mwaka w’indwi. Kw’ishure Stella Matutina riri mu gisagara ca Bujumbura hakoreye amashure indwi, ishure Unité, ishure rito rya Kabondo, Les Flambeaux, Les Poussins hamwe n’ishure Indépendante, abanyeshure bose hamwe bari bategekanijwe gukorera muri ico kibanza ca Stella Matutina bakaba bari 588, nayo 10 akaba aribo basivye.

Ikibazo kikaba catanguye igihe c’isaha 9 n’iminota 6. Kuri iryo shure, muri rusangi nta ngorane yibonekeje kiretse umwana yankiwe gukora kuko ku ntonde bavuga ko atariko, kubera ko yaje kwiga kuri iryo shure mu gice ca kabiri, intonde zaramaze kugenda, ariko mu nyuma yahavuye yemererwa gukora ikibazo ciwe bakaciga mu nyuma.

Kw’ishure Ecole Notre Dame D’Afrique naho nyene ikibazo Concours national cariko kirakorwa . Muri ico kibanza hakoreye amashure atatu, Ishure Notre Dame d’ Afrique , Ishure Saint Etienne hamwe n’ishure les Anges. Abanyeshure 156 nibo bakoze ico kibazo, kubari bategekanijwe babiri nibo basivye, nabo barahevye ishure nk’uko twabimenyeshejwe n’uwurongoye ico kibanza cakorewemwo ico kibazo (Président du centre) Esaie Mbonihankuye. Kuri iryo shure ikibazo catanguye igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo ibiri n’ibiri.

Esaie Mbonihankuye amenyesha ko atangorane ahanini bagize, kiretse ko ikirasi bakoreyemwo cakubitwamwo izuba, ariko bahavuye bakinga n’ihema . Ikindi naco asaba ko mu myaka iza, bokwongereza ibibanza vyo gukoreramwo ico kibazo kuko iyo ari hanini amashure ari menshi bivuna, kuko baguma bazunguruka baraba ko vyose bigenda neza.

Abanyeshure twasanze kw’ishure Notre Dame d’ Afrique bari bahejeje gukora ikibazo c’ibiharuro n’ic’igifaransa, bemeza ko vyari vyoroshe cane mbere bamwe muri bo biha amanota 190 ku 200.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.