IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo EXETAT kizokorwa ku ma genekerezo ya 21 gushika 24 Mukakaro

Ikibazo EXETAT kizokorwa ku ma genekerezo ya 21 gushika 24 Mukakaro

mardi 15 Mukakaro 2014

Ikibazo EXETAT giha uburenganzira abanyeshure kuja mu mashure ya kaminuza kizokorwa ku magenekerezo ya 21 gushika kuwa 24 Mukakaro nk’uko bishikirizwa na Sylvestre Bwatemba ,umukuru ajejwe gutegura ico kibazo.

Abanyeshure barangije amashure yiumbuye bagiye gukora ico kibazo kibaha uburenganzira, bwo kuja mu mashure ya kaminuza. Ico kibazo gitegekanywa ku magenekerezo ya 21 gushika kuwa 24 Mukakaro uno mwaka. Mu gihugu cose ,ico kibazo kikazokorerwa mu bibanza 42 bitandukanye, harimwo 18 vyo mu gisagara ca Bujumbura hamwe na 24 vyo hagati mu gihugu. Ikindi kibanza kizokorerwamwo ico kibazo ca Reta akaba ari ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya i Nairobi.

Ku cerekeye aho imyiteguro y’ico kibazo igeze, imyiteguro iriko igenda neza nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’uwo murwi nyene Sylvestre Bwatemba . Abanyeshure bakaba bahamagarirwa gushika mu bibanza vyo gukoreramwo ikibazo igihe c’isaha imwe y’igitondo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.