IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo ISABU catanguje imbuto zirobanuye nshasha z’ibiharage zirimwo "zinc" (...)

Ikigo ISABU catanguje imbuto zirobanuye nshasha z’ibiharage zirimwo "zinc" na "fer"

lundi 14 Ndamukiza 2014

Gufungura imfungurwa zitarimwo ivyunyunyu vya nkenerwa mu mubiri, hamwe no kutamenya ibikenewe kugira umuntu agire amagara meza, biri mu bigaragaza ugufungura nabi. Mu Burundi, ikigo ISABU carategekanije uburyo bwozanira inyishu ico kibazo.

Mu matohoza yakozwe mu Burundi, abantu bashika ibice 58 kw’ijana nibo bagemiwe no gufungura nabi, na cane cane abana bari munsi y’imyaka itanu.
Mu ntumbero yo kurwanya ugufungura nabi mu gihugu, ikigo ISABU carahagurutse mu kugira ubushakashatsi ku bifungurwa bisanzwe bifungurwa cane, kandi na benshi mu Burundi, kugira vyongererezwe ivyunyunyu vya nkenerewa.

Imfungurwa y’ibiharage ni imwe muzakozweko ubushashatsi n’ikigo ISABU, aho basanze bimwe murivyo ata vyunyunyu bikwiye bifise. Abakoze ubwo bushakashatsi bakavuga ko ivyunyunyu vya "micronutriments" vyongerejwe mu biharage bishasha vyazanywe mu Burundi, bizotuma abafise ingorane zo kubura amaraso (anemie), hamwe no gucibwamwo bihagarara. Ivyunyunyu vyongerejwe akaba ari "zinc" na "fer".

Ku bibaza itandukanirizo rihari hagati y’ibiharage vyahahora n’ivyo bishasha bije, abakoze ubushaskashatsi kuri ico giterwa c’ibiharage, bavuga ko ata tandukanirizo rinini rihari, kuko vyose bifise akamaro kamwe mu mubiri (ndemamuburi), atari uko ivyo bishasha vyaje, bifise murivyo ivyunyunyu vya zinc na fer birinda indwara mu mubiri.

Mwomenya ko ibiharage vyashizwemwo ivyo vyunyunyu biri ubwoko bune. Ivyo navyo ni ivyitwa: MAC44, GASILIDA, NAKAJE hamwe na NYAWERA (VCB81013). Bikaba vyaratanguye kugurishwa mu tuguriro dutandukanye.


Mariella Bukuru

Messages

  • Nivyiza Kuturonsa Ibiharage Bikwije Vya Nkenerwa.None Twebwe Abarimyi Ntimwotubwira Utuguriro Biriko Tukaja Kubigura Kugira Tubitere?Mwoba Mudufashije.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.