IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikiringo co kwiyandikisha muma kaminuza ya Reta congerejwe

Ikiringo co kwiyandikisha muma kaminuza ya Reta congerejwe

jeudi 27 Ntwarante 2014

Ikiringo co kwiyandikisha ku banyeshure biga mu ma kaminuza ya reta congerejwe gushika ku wa 1 Ndamukiza 2014, nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi.

Ikiringo co kwiyandikisha ku banyeshure biga mu ma kaminuza ya reta kaminuza nderabigisha ENS hamwe na kaminuza y’Uburundi congerejwe . Gushika igenekerezo rya 1 Ndamukiza ni ryo sango ryatanzwe n’umushikiranganji , ku banyeshure bari bakiri mu bibazo , abari bagifise ivyigwa bakiriko bariga hamwe n’abari bakiri mu myimenyerezo ico bita ‘’stages’’ . kuri abo banyeshure bose ivyigwa bizoca bitangura ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 2 Ndamukiza . Ku banyeshure bamenye ubwa mbere batarinze gusubiramwo ivyigwa ico bita 1ere session canke bari baramaze kurangiza umwaka bazotumwako ikindi gihe ,kugira batangure umwaka wundi barikumwe n’abandi.

Umushikiranganji Yozefu Butore ntahakana ko akamo yateye katitabwe ariko amenyesha ko nubu batarananirwa. Muri iyi minsi itatu ishize rero,umushikiranganji yamenyesheje ko hiyandikishije abanyeshure 621 ku banyeshure 13000 nibo biyandikishije muri kaminuza y’Uburundi , 21 kuri 2475 muri kaminuza nderabigisha ENS. Mu vyatumye baronka abiyandikisha bake , umushikiranganji avuga ko bamwe boba bagizweko iterabwoba, abandi nabo ni abanyeshure ataco bahomba niyo batotonda.

Tubamenyeshe ko abanyeshure baserukira abandi 229 muri kaminuza nderabigisha ENS na kaminuza y’Uburundi basohoye nabo urwandiko bashimira abanyeshure bose batitavye akamo bari batewe n’ubwo bushikiranganji . Muri urwo rwandiko bavuga ko ahanini abanyeshure bagiye kwiyandikisha ari abasirikare bo mw’ishure ISCAM ,abapolisi ,abanyamahanga,abarangije kaminuza . Muri urwo rwandiko baravuga ni uwundi murwi w’abantu bagiye kwiyandikisha biboneka ko atari abanyeshure hamwe. Hari mbere n’akarwi ka banyeshure 12 bari mu bigo vya kaminuza ari bo bafatanya n’igipolisi mu gufata abanyeshure bagenzi babo.

Abo banyeshure baserukira abandi basaba bagenzi babo kuguma mu runani kuko ivyo basaba ku bwabo bifise ishingiro kandi ko ata nkeka bizoboneka. Basaba abayobozi ba kaminuza guhagarika iterabwoba ryose ,kurekura vuba na bwango abanyeshure banyurujwe ,kutica amatwi ahubwo bafate ingingo zirangiza ingorane zihari. Icateye ico cuka kibi akaba ari ingingo zisubiramwo uko agafashanyo kazotangwa .


Floxella Karire

Messages

  • Ntaco yahinduye kuko ntivyumvikana ko umuntu mwigana ds une mm classe,mm année académique atumwako kwayandikisha uwundi akabwirwa ngo arindire umwaka utangure.Iyo division ntaho izobashikana nibaza ko abiyandikishije bakwiye!

  • Barakankarara na makoti none ntiboja kuyigamwo?canke bakarungika imbonerakure zose iyoziva zikzgera kobavuga kwaribenshi?

  • Mbega mbarinda,bogereza ikiringo kuberiki!.Nibashireko banyina babo na benewabo nabanyinabo baca bakwira.kuva isi iremwa ntabigugu nkaba DD

  • Ahar’ibi bijuju byaba DD. Ntakintu na kimwe kigend’imbere. Ibintu byose bigenda bisubir’inyuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.