IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buriko buritegura kurwanya ubukene mw’ihangiro yabwo ya (...)

Uburundi buriko buritegura kurwanya ubukene mw’ihangiro yabwo ya 2025

mardi 14 Nzero 2014

Abaje guserukira ibihugu bitandatu bashasha mu Burundi barakiriwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza i Ngozi ku kirimba iwe, aho bari baje bazanye amakete abagena.

Abo baje guserukira ibihugu vyabo mu Burundi akaba ari uw’Ubugiriki Elefterios Kouvaritakis, uwa Danemark Dan E. Frederiksen, uwa Canada David Angel, uwa Thaïlande Ittporn Boonpracong, uwa Malaisie Ismail Salam hamwe n’uwa Bénin Gisèle Balley Medegan. Abaje guserukira ibihugu vya Canada, Ubugiriki, Thailande na Malaisie basanzwe bafise ivy’icaro i Nairobi, mu gihe igihugu ca Danemark uwugiserukira afise icicaro i Kampala mu Buganda, nayo uwa Benin akaba aba i Kinshasa mu gihugu kibanyi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Petero Nkurunziza ahejeje gukeza abo baje guserukira ibihugu vyabo mu Burundi, akaba yamenyesheje ko imigenderanire y’Uburundi n’ibihugu vyabo vyifashe neza, ndetse aca avuga ko igiye gukomezwa kurushirizaho. Amenyesha ko imigenderanire myiza hamwe n’ugufashanya n’ibindi bihugu, vyatumye amatora mu Burundi yo kuva mu mwaka w’2005 n’ayo mu 2010 yose agenda neza nk’uko Petero Nkurunziza yabandanije abivuga.

Umukuru w’igihugu akavuga kandi ko Uburundi buriko burakora uko bushoboye kugira burwanye ubukene mw’ihangiro bw’ihaye ryiswe vision 2025 hamwe n’umugambi wo kurwanya ubukene mu Burundi CSLP II. Ibishirwa imbere muri CSLPII akaba indero, ubutare, uburimyi, ingenzi, n’ibindi.

Abo baje guserukira ibihugu vyabo nabo, bakaba barakeje Uburundi mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bihugu bitandukanye nka Somaliya na Centrafrika, aho ingabo z’Uburundi zishimirwa ku gikorwa kidasanzwe mu gufasha kugarukana amahoro muri ivyo bihugu, bisa n’aho imirwi y’abarwanyi yari yabigize ikirimbiro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.