IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Iminsi 100 Mbonimpa apfunzwe, amashirahamwe mpuzamakungu aguma (...)

Iminsi 100 Mbonimpa apfunzwe, amashirahamwe mpuzamakungu aguma asemerera

samedi 23 Myandagaro 2014

Mu gihe iminsi ijana yakwiye Petero Karaveri Mbonimpa ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, amashirahamwe atandukanye abandanya gusaba kumenya ukuri ku vyo uyo mutama yashikirije, ndetse agasaba ko yorekurwa vuba bwango.

Innocent Muhozi arongoye OPB

Innocent Muhozi arongoye OPB (Observatoire de la Presse du Burundi) asaba ko amatohoza yagizwe na MONUSCO mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yoshirwa ahabona kugira abarundi n’amakungu bamenye ukuri. Ivyo akaba yabivuze mu gihe abashingwamanza ba Mbonimpa bamenyesheje ko uyo mutama arenza imyaka 60 apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba kandi arwaye n’indwara zidakira. Mbonimpa ariko azira ivyo yashikirije ko hari urwaruka rw’abarundi bari mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, aho bariko baragirira imyimenyerezo ya gisirikare, abatari bake bakaba barasavye ko yorekurwa amatohoza akaba, abagirijwe gutwara urwo rwaruka mu myimenyerezo ya gisirikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nabo, bagakubitwa intahe mu gahanga.

Innocent Muhozi rero akaba yasavye ko ivyabona muri iyo dosiye ya Mbonimpa vyokingirwa, mu gihe kenshi ivyabona bikunda kunyuruzwa, bikicwa. Agatanga akarorero nko ku rubanza rwa Manirumva yari icegera c’uwurongoye ishirahamwe rirwanya abarya igiturire OLUCOME, urubanza rw’abagandaguye abanyagihugu mu gatumba, aho ivyabona vyagiye birazimangana kamwe kamwe, mu kunyegeza ukuri.

Tukabamenyesha kandi ko muri iyi minsi uyo mutama asanzwe aharanira agateka k’abapfunzwe n’akazina muntu ari mu munyororo, amashirahamwe mpuzamakungu adasiba gusaba ko yorekurwa, kuko ariko azira ivyo yashikirije, vyariko bibera ku butaka bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Ishirahamwe Amnesty International ryo, rikaba ryashize Petero Karaveri Mbonimpa ku rutonde rw’abantu agateka kiwe kabangamiwe, mu gihe ari mu bantu baharanira agateka ka zina muntu.


Aristide Nizigire

Messages

  • NKUKO UMUSHINGANTAHE INNOCENT AVUZE NI VYIZA KO ABAFISE ICO BAZI KUBIBAZO BIRABA IKI GIHUGU CACU BAKINGIGWA.KANDI RERO UBURYO LETA YAHISEMWO BWO KUMUKINGIRA NIBWO BWIZA KANDI BUHAMBAYE KANATSINDA ARAKINGIWE N’IGIPOLISI C’IGIHUGU KUGIRA NGO NTAGIRE INGORANE ZOMUSHIKIRA.BWANA INNOCENT HARICO MUTAZI,MBEGA URAZI KO HARIHO ABANTU BAHAHAMUTSE KU BURYO BUMVISE UMUNTU ASHAKA KWIBUTSA ABARUNDI IBIJANYE N’INTAMBARA CANKE KUZANA ICO COSE CODUKWEGERA MU NTAMBARA ABICISHIJE MU KUDUTERANYA NA BENE WACU BABA CONGOMANI KANDI TUZI KUVA CONGO ICITWA ZAIRE INENE BADUFASHE NEZA.NDAKUMENYESHEJEKO HARIHO ABO KWIHEBA BAGAFUMA BAMWIYAHURIRAKO KUKO UWO MUTAMA NTAHO ATANIYE N’ACTAYE IGIHUGU MU KAGA AFISE AMAHIGWE KO LETA YAMUKINGIYE

  • UWO MUGABO WURUSHATSI NAWENE BORABA BAKAMUKINGIRA KUGIRA NTIHAZOGIRE ABAMWIYAHURIRAKO KUKO AVUGA NABI NK IGIHUNA C ISEMA BURYA ASHIZE UBWENGE KUGIHE UWO MUHOZI UBWO KOKO KALAVERI NTACAHA YAKOZE?AHUBWO LETA NIVYIYUMVIRA IRAZOMUBABARIRA KUGUSHAKA KWAYO IGITO GITABWIWABO...

  • ariko nizigire uratwenza yabigira atabona nabanze avuge abamuhenze ataruko iminsi amaze twayibonye iyisigaye azoyimarire mukasho yahendwa abona twaritwaramubujije kwigira imvuzivuzi

  • Dukomeje gushimira reta yuburundi canecane ubutungane bwuburundi bwashimye gukingira Mbonimpa kugira ntihagire abatwarwa nagashavu kivyoyavuze vyokurondera gutamukaga igihugu cuburundi bariguhava bamwiyahurirako ivyonavyo bigatuma bikwegera reta izindingorane. Kukomuvyukuri Mbonimpa yakoze ibidakwiye gukorwa yaruwokwankwa urunuka ariko Imana iracicaye kuntebe yimbabazi,ariko niyayihagurukako bizobabirangiye, Mbonimpa ivyarikumuberavyiza kwarikuba gusaba imbabazi gusumba kugumayinangiye yishiramwoko arirurangiranywa kw’Isi akibagirako nabandi turirurangiranywa ku Mana! gusa gikuru twihane kuko imisi iriko irirukacane abatwawe nubugambanyi ubwaribwobwose gezaho.

  • Mwese ndabona ko muryohewe cane niyo ari naje ndaryohewe kuko hako bari kumutora ikiziga nabe araguma harya ariko ukuri ntikuzibirwa umusi ubutungane buzokora benshi bazotangara nkawe wiyita Mama wosa utonkeje kuko ur,igito nk,igitongati amajambo yawe yose nayubugome gusa.uzicwa n,inzigo wewe ko none 2015 dd yatashe uzocurwa iyo uri?

  • @Gerard, Nejerejwenuko ivyonanditse vyakunyuze , kandi ukabavyibonekeje ko iyotanga iciyumviro kimvanzemwo nimpanuro keshi ntubuzi abo uburiko urabibwira, ninkakurya kumuvugabutumwa iyariko aratanga ubutumwa abantubose bakoraniye ahari ababona aribeza kuko mumutima Imana niyihabona ariko harigihe ubona Mpemu w’Imana ategetse umuntu kuvuga ko atarumugororotsi k’Imana, nonehowamukoziw’Imana akakavugati nimureke ububasha bw’Imana bukore, Gerard nawe numvisendabukunze cane kubwokubera ivyanyanditseko. Ikindi Gerard yavuze nukoyambwiyengo CNDD FDD ngoniyatsindwa muri 2015 ngonzocanjahe? Rekandamwishure jewe ahubona imyakamfise simike ndabiriye ibitaribike kandi ivyonabonye sibike, Ndashaka kukubwirako jewe nabaye muri UPRONA imyaka itarimike kandindayikunze, ariko imazegutsindwa mumatora yomuri 93 ntahonagiye ngonuko itsinzwe ivyokwiruka ngonuko umuntu atsinzwe nabibonye muriyimigambwe yomuri ADC IKIBIRI! wewerero wibaza ko CNDD FDD yozohava imera nkamwe mutsindwa mugacamuhuga igihugu ngobarikobarabarondera ngobabagirirenabi mwayantumbero mwihaye yokwambika iceyi igihugu canyu, Mukacamwitwa ba Niwanka bimeneke, abandinabo bakaca biyemeza kuzabarazimya imuriro ukiri kuwuwucanye utarashikira umubanyi. Ndarangije ndagushimira. Twihane kuko imisi iriko iriruka cane kandi Imana iracicaye nkuntebe yimbabazi kuko niyayihagurukako bizobabiturangiranye jewe nirebe nawe wirebe.

  • rekura mutama yitahire kuko mumuhora ubusa.

  • Yemw Ndababajw Can Nuwo Yihenda Ngo Yitwa Mama Kimw Gus Ivyo Abadd Bokora Vyos Bameny Ko Atacanygjw Kitazoja Ahabona Kand Ntamvura Idahita Kand Buzoca

  • MBEGA KO TUBONA UBU ABANTU BISHIRA BAKIZANA KU BARABARA RIVA BUJA CIBITOKE,NTA MUNYAGIHUGU AGISAHURIGWA UTWIWE CANKE NGO YICIGWE MU KARERE KA RUKOKO TWOVUGA KO INGUVU LETA YAGIZE KO ATACO ZAMAZE?NIMBA ABAGENZI BA MBONIMPA BATASHIMYE AKIGORO LETA YAGIZE KUGIRA NGO UMUTEKANO UGARUKE MURAKO KARERE,IMIRYANGO YABABURIYE ABABO MURI AKO KARERE BOBO BARASHIMA AKO KARERE.

  • HAHAHAHA,HIHIHIHIHI BASHA NDATANGAYE CANE KUBONA BATWERETSE UWO MUSHINGANTAHE NUBWO ATABEREYE IJISHO!!!!!! ARIKO NTAKUNDI N’IMANA YABIGIZE!!!!!!!!!! ABATUMYE MBONIMPA AHERAYO NIMERO YAMBERE NI MUHOZI, KUKO NAZIRYA FOTO ZAHINYANYURIWE MURI RADIO RAINESSANCE 2. PACIFIC 3. RUFYIRI 4. VITAL. UBURERO IKINTANGAZA NIKIMWE, KO PACIFIC AHORA YAMIZA MUKANWA BIHOME NGO YIGUZE UMWAMI. NONE WEWE NTIYOKWIGIRA BIHOME MUKURUHURIRA MBONIMPA NAMEZI NABIRI????????????? HAMA TWEBWE ABARUNDI TUZE TUMUSHIMIRE, AREKE KWAMA AKUGIRA AHO YICAYE GUSA???????????

  • Mutamanaho imbonerakure ziguma gigutyoza niwihangane nayesu ibihe bibi vyaramugezekontntanvuridahita.imanantizovyemera ko akarenganyo nagacinyizo vyiganza.na diyamini dada yasumbabo.n’ont Ubu arihe?...

  • Abakozi bimana baracari n’akazi nyamba igihugu kigifise abantu bivyiyumviro nka Gerard na ? burya uburundi burafise abiyahuzi!!!ntakibanza bafise barabaza somali ibacire agace.rekura uwo mutama nayo kuba akiriho subugombe bwabana babantu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.