Accueil > Ubutunzi > Imiriyaridi 344,90 z’amarundi nizo zatojwe n’ikigo OBR mu mezi indwi (...)
 Imiriyaridi 344,90 z’amarundi nizo zatojwe n’ikigo OBR mu mezi indwi aheze
 Imiriyaridi 344,90 z’amarundi nizo zatojwe n’ikigo OBR mu mezi indwi aheze
				
				jeudi 7 Myandagaro 2014
Amafaranga agera ku miriyadiri 47,55 y’amarundi, niyo yatojwe n’ikigo gitoza amatagisi OBR mu kwezi kwa Mukakaro, ayo mafaranga akaba ari make ugereranije n’ayo bari barategekanije gutoza.
Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ikigo OBR kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Myandagaro, amafranga agera ku miriyaridi 47,55 y’amarundi niyo yatojwe n’ikigo OBR muri kuno kwezi turangije kwa Mukakaro. Kuyo bari bategekanije gutoza muri uko kwezi haburako amafaranga agera ku muriyaridi umwe n’ibice 26 y’amarundi, ni ukuvuga ko haburako ibice 2,57 kw’ijana.
Ayo mafaranga kandi agereranijwe n’ayari yatojwe mu mwaka uheze muri uko kwezi kwa Mukakaro nyene, umwimbu wariyongereye ku bice 4,26 kw’ijana, ni ukuvuga ko hongeyeko amafaranga agera ku muriyaridi umwe n’ibice 94 y’amarundi, kuko bari batoje amafaranga imiriyaridi 45,60 y’amarundi.
Guhera mu ntango y’uno mwaka w’2014, ikigo gitoza amatagisi OBR kimaze gutoza amafaranga agera ku miriyaridi 344,90. Ariko muri iryo tangazo, bamenyesha ko ayo mafaranga ari make kuyo bari bategekanije kuronka muri ayo mezi indwi. Haburako imiriyaridi 9,14 z’amarundi, naho aruta ayatojwe mu mwaka uheze mu kiringo nk’ico nyene, agera ku miriyaridi 28,89
Floxella Karire
