IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Imiriyaridi 55,40 niwo mwimbu wa OBR muri Nzero

Imiriyaridi 55,40 niwo mwimbu wa OBR muri Nzero

mercredi 4 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Imiriyaridi 55,40 z’amarundi nizo zatojwe n’ikigo OBR (Office Burundais des Recettes) muri kuno kwezi kurangiye kwa Nzero k’umwaka w’2015. Ku mwimbu wari utegekanijwe muri uko kwezi hakaba haburako umuriyaridi w’amarundi n’ibice mirongo itanu na bitandatu (1,56).

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ico kigo gitoza amakori n’amatagisi, ryateweko igikumu na Domisiyano Ndihokubwayo umukuru w’ico kigo, kuyo bari batoje mu kwezi kwa mbere mu mwaka uheze hakaba hiyongeyeko imiriyaridi 3,26 z’amarundi n’ukuvuga ibice 6,25 kw’ijana (6,25) kuko mu mwaka uheze mu kwezi kwa mbere bari batoje imiriyaridi 52,14.

Muri iryo tangazo kandi barerekana umwimbu wagiye utozwa muri ico kiringo nyene muri ino myaka itatu irangiye. Mu mwaka w’2012 hatojwe amafaranga agera ku miriyaridi 53,7, mu mwaka w’2013 hari hatojwe imiriyaridi 57,1 z’amarundi, mu mwaka w’2014 naho muri ico kiringo nyene hakaba hatojwe imiriyaridi 52,1.


Floxella Karire

Messages

  • None vyagenze gute kugira muri Kigarama babe binjije imiriyaridi 63 zirengako hama ubu naho bakinjiza 55 gusa cad difference de 8 milliards. Yahora itwarwa numuzungu twizigire ko guko itwawe numwirabure wumurundi ko OBR yoca isubira inyuma. Uwo mugabo ahubwo yari akwiye kutwereka ko nabirabure bashobora gukora ibikorwa bikomeye gusumba abazungu. Nibiheshe agaciro ntibatumaramaze.

  • You’re professional guys!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.