IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Impamvu zituma abagore barenga ibigo

Impamvu zituma abagore barenga ibigo

vendredi 24 Rusama 2013

Kurenga ibigo biri mu bituma ingo nyinshi zubatse zisambuka. Akenshi bikunze kwigaragaza ko ari abagabo bakunda kurenga ibigo. Iyo rero bishitse abagore bakarenga ibigo biragoye gutahura mu mibano kuko ari ikintu usanga kitamenyerewe.

Renee Lee, umuhinga w’umunyamerikazi mubijanye n’imigenderanire y’urukundo akaba n’uwujejwe n’ivy’inyifato, yaratanze ibintu bitanu bisangiwe na bose aho usanga abagore bavanga abagabo babo :

1. Ikiringo mfatakibanza

« Iyo imyaka iriko iragera kure, imigenderanire n’uwo muri kumwe iriko iratera imbere, canke imbere y’ibibazo vy’ubuzima umuntu ahura navyo ( nk’akarorero kubura incuti), abagore bagira ivyiyumviro vyinshi, bakarushirizaho no kuvyigumizamwo». Ibisigurwa na Renee Lee.
Ivyo bishobora gutuma havuka icipfuzo ciza nko gufata ingingo ihamabaye mu migenderanire, ariko barashobora kubona ko batari mu nzira nziza, bigahava bituma havuka icipfuzo kije giturumba gituma bafata ingingo atiyumviriye mu kurondera umuntu ahwanye n’ivyipfuzo baba bafise.

2. Kubura agaciro

Umuhinga muvy’imigenderanire y’urukundo, Renee Lee avuga « Haba mukuduzwa mukazi canke mugutunganya urubanza rw’abantu 20 m’umuryango, abagabo ntibakunda gushima canke bahayagiza ibikorwa abafasha babo baba bakoze »
Akenshi abagore barondera gushimirwa n’abagabo babo. Iyo bishitse ntibashimirwe n’abagabo babo, bica bituma bababara muri bo, bagata ivyizigiro n’inzigo ikaziramwo.
Iyo rero baronse hanze ivyo bari babuze mu ngo zabo, baca bumva bokwegera uwo muntu abayabatahuye, bakumva mbere bokwunga n’ubumwe.

3. Iherezo ry’imigenderanire

« Umukenyezi iyo yumvise ko imigenderanire yarimwo iriko irahera, abikunze canke atabikunze, aca kuronderera hanze.» Iyo aribo bahisemwo guhagarika imigenderanire barimwo, baca batangura gusubira kwigira neza kugira babone ko bashobora kugira iyo migenderanire.

4. Kwanka kwifatanya

Kubisanzwe « Iyo umuntu adatwenga, ntakunda. Agatwengo ni kimwe mubimenyetso vyerekana ko imigengeranire igenda neza ».
Ukutiyumva neza ku munsi ku munsi niyo nyendamuvano y’umwikomo udasanzwe ku bagore. Iyo bishitse umugenzi canke uwo bakorana abavugishije neza canke akabatwengera, bica bituma agatima kera umunsi ugahera banezarewe ari navyo bibereka ico babuze mu migenderanire n’abo basanzwe bubakanye.

Ingorane mu buriri

Abagabo usanga barondera kwinezereza mu mabanga mpuzabitsina mu gihe abakenyezi bo barondera kwitabwaho mu kwumva ko bakunzwe. Usanga mbere bakunda kuyaga cane hagati muri bo ivyerekeranye n’amabanga y’abubatse, bikabatuma bapima urugezo rwo kunezerwa bagezeko mu gihe baba bariko bararangura amabanga y’abubatse n’abagabo babo.

Kubwa Renee Lee, n’ubwo usanga bigoye kubona ingorane kurusha ingorane zifatira ubuzima bwacu mubijanye no kurangura amabanga mpuzabitsina, vyama bigoye gushiraho ibihano kugira ibintu bisubire m’uburyo.
Izo mvo zihejeje gutangwa, ntiziri ku bagore gusa kuko zishobora gutuma n’abagabo barenga ibigo.Vyiza rero, haba k’uruhande rw’abagabo, haba k’uruhande rw’abagore, ni ukuzitira bataronerwa.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.