IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Impamyabushobozi bazohabwa barangije amashure irabaraje ishinga

Impamyabushobozi bazohabwa barangije amashure irabaraje ishinga

mercredi 20 Myandagaro 2014

Abanyeshure biga mu ma kaminuza ya Reta n’ay’igenga muri ya ndinganizo nshasha y’inyigisho ( Système BMD) bararajwe ishinga no kumenya impamyabushobozi bazohabwa , mu gihe abatari bake bamaze kurangiza igice ca mbere c’ayo mashure.

Mu gihe imyaka itatu igomba irangire hatanguye indinganizo nshasha y’inyigisho y’amashure ya kaminuza bimwe bita BMD (Baccalauréat, Master Doctorat) abanyeshure biga muri ayo ma kaminuza ya reta canke ayigenga ntaramenya gushika ino saha ubwoko bw’impamyabushobozi bazohabwa . Abo banyeshure bavuga ko babajwe n’ukungene ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi butaratorera inyishu ico kibazo.

Mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Myandagaro ,bamwe mu banyeshure baserukira abandi bavuga ko bibabaje kubona hari abageze mu gice ca kabiri c’izo nyigisho arico Master, ariko bataramenya iyo mpamyabushobozi bazohabwa barangije. Akarorero n’ako kw’ishure nderabigisha ENS. Abo banyeshure bavuga kandi ko babajwe no kubona bafise abigisha batabinonosoye (qualifiés) nk’akarorero mu gice ca kabiri cayo mashure nyene arico Master. Bavuga ko mu gisata kimwe usanga baronka umwigisha umwe canke babiri bafise impyamabushobozi bita doctorat. Mu gihe rero izo nyigisho zigomba zikwize imyaka itatu ,ishavu barita ku mushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore. Bamwagiriza kuba yarafashe ico kibazo minenerwe kuko ku bwabo imyaka itatu ni myinshi. Abo banyeshure bavuga ko yari yabijeje ko integuro y’itegeko bijanye rizokwirwa mu nama nshikiranganji mu kwezi kwa Mukakaro ariko amaso yahereye mu nzira.

Abo banyeshure rero basaba ko ubwo bushikiranganji bwokorana n’ibushikiranganji bw’abakozi ba reta kugira izo mpamyabushobozi zije ku rugero rumwe bwizahahora, mu gihe iryo tegeko ryoshirwaho.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.