IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Impinduka ku gafashanyo gahabwa abanyeshure bo muri za kaminuza

Impinduka ku gafashanyo gahabwa abanyeshure bo muri za kaminuza

jeudi 6 Ruhuhuma 2014

Agafashanyo ku banyeshure batoye ikibazo ca Reta gasa n’akariko karavanwaho. Ingingo zishasha zigiye gufatwa, guhera muri uno mwaka w’ishure 2013 ushira uw’ 2014, ku vyerekeye agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure biga muri za kaminuza, yaba kubari hano mu gihugu hamwe n’abiga mu mahanga.

Ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi igihe bwari buramutse bwerekana ivyaranguwe muri uno mwaka urangiye w’2013, umushikiranganji aburongoye Yozefu Butore yaramenyesheje ko bagiye guhindura ingene ivyerekeye ako gafashanyo kahora gahabwa abatoye ca kibazo ca Reta bigiye kugenda.

Ku banyeshure bahora biga muri kaminuza, abazoba bamenye muri uno mwaka w’ishure w’2013 ushira 2014 bazohabwa ako gafashanyo uku gukurikira. Ku banyeshure 18026 barangije amashure yisumbuye muri uno mwaka w’ishure 2013 ushira 2013, abagera ku 4495 batoye ikibazo ca Reta bafise amanota angana canke asumba 69,2 nibo bazoronka ka gafashanyo kahora gatangwa na Reta. Abandi 2032 batoye ikibazo ca Reta baronse amanota ari hagati ya 69,1 kw’ijana hamwe na 66,5 kw’ijana bazoba bafise uburenganzira bwo kwiga muri kaminuza za Reta yaba muri kaminuza y’Uburundi canke mw’ishure nderabigisha ENS (Ecole normale superieure) ariko ata gafashanyo na kamwe baronka.

Abandi 2049 batoye ico kibazo ca Reta muri uno mwaka w’ishure wa 2012 ushira 2013 baronse amanota ari hagati ya 66,4 na 64,2 kw’ijana bazoba bafise uburenganzira bwo kwiga mu ma kaminuza y’abigenga, bakazoronswa agafashanyo k’amafaranga 200. 000 vy’amarundi yo kwiyandikisha gusa, vyumvikana ko amwe bahora baronka ku kwezi ku kwezi bitazosubira.

Ku vyerekeye naho agafashanyo kahora gatangwa na Reta y’Uburundi ku banyeshure baja kwiga hanze, mu gice ca mbere c’amashure (premier cycle universitaire) ntibazofatwa mu mugongo na Reta mu kuronswa agafashanyo. Ku vyerekeye igice ca kabiri c’amashure ‘’Master’’hamwe na Doctorat, abazoba bari mu bisata biri ngirakamaro cane gusumvya ibindi nibo bazofashwa.


Floxella Karire

Messages

  • None ako gafashanyo gakuweho kuko abagatanga bagahagaritse canke kuko DD ikeneye umutahe ukwiye wo kujana muri bisness zabo?Shame,mwigumye banyesu!!Gusa ico nikimwe ciyongeye kubibazo namanyanga DD iriko irakorera beneburundi:Uprona,Rufyikiri,Abadandaza baburiye utwabo mwisoko yahiye,.....!None turaganahe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.