IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Imvugo iracari yayindi : Abanyeshure ba kaminuza ntibarota bahindura (...)

Imvugo iracari yayindi : Abanyeshure ba kaminuza ntibarota bahindura atagikozwe

samedi 22 Ntwarante 2014

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bararahira bakarengwa ko batagiye gusubira ku mashure mu gihe ikibazo cabo kidatorewe inyishu, ivyo babishikirije inyuma yaho umuvugizi w’umukuru w’igihugu Léonidas Hatungimana avugiye ku munsi w’jo ko agafashanyo bagiye batoye nikahera bazoca bagaruka ku mashure.

Abanyeshure bo mu ma kaminuza ya Reta, kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS bararahira bakarengwa ko batagiye kugaruka kwiyandikisha, kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante nk’uko babisabwe, kandi ikibazo cabo kitaratorerwa umuti.
Mu kiganiro c’abavugizi co kuri uno wa gatanu, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yaragerageje gusigura ko Reta itagishoboye kuronsa abanyeshure bose agafashanyo, kuko hari ingorane y’uburyo. Yagiriyeko avuga ko abo banyeshure nibaheza agafashanyo bari baherutse guhabwa bazoca basubira ku mashure, abo banyeshure nabo bararahira bakarengwa ko batagiye gusubira ku mashure ikibazo cabo kidatorewe inyishu. Babicishije kuri umwe mu babaserukira, Bosco Nibizi, bavuga ko banegura imvugo y’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, kuko yerekanye ko ikibazo cabo cafashwe minenerwe, ata nyishu Reta iriko irarondera gutora.

Ariko rero abo banyeshure baremeza ko hamwe Reta yoshaka ko baganira, ntakabuza ko bavyemera kuko koba ari akaryo ko gusigurira Reta neza ingaruka mbi z’ingingo yafashwe ku banyeshure. Ic’uko iyo ngingo yoba ije gukumira abanyeshure b’abakene, ibisa n’ibihakanwa n’umuvugizi wa Reta kuko ku bwiwe hari n’abana batifise baja mu makaminuza y’abigenga, abo banyeshure bavuga ko n’abanyeshure baja kwiga muma kaminuza y’abigenga abenshi usanga babeshejweho n’ako gafashanyo nyene.
Ikindi naco abanyeshure baja muri kaminuza z’abigenga bajayo kubera haba hari ibisata baba bakeneye kwiga bitari muri kaminuza y’Uburundi.

Tubibutse ko ku munsi wa mbere igenekerezo rya 24 Ntwarante 2014 ariryo sango ryatanzwe n’umushikiranganji kugira abanyeshure bazogaruke kwiyandikisha, inyuma y’iminsi cumi bari bamaze barungitswe mu muhira iwabo. Intanduruko y’ivyo vyose akaba ari yegereyegere yavuye ku ngingo y’umukuru w’igihugu isubiramwo uko agafashanyo gatangwa ku banyeshure barangije amashure yisumbuye, bikavugwa ko iyo ngingo ije gukumira umwana w’umukene, yongera igacamwo mu mirwi abanyeshure.


Floxella Karire

Messages

  • umuvugizi w’umukuru w’igihugu yaraye akoze kw’itama abanyeshure yerekana ko kubera benshi muri bo bakenye agafashanyo barons gaheze bazoca bagaruka kw’ishur naho atanyishu boronka kubibazo vyabo.Abategets bari bakwiy kwirinda imvugo nk’iyo.Abanyeshur namw ni mugume mufatanye mu nda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.