IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > “Ingenzi zirashima ubwiza bw’Uburundi”

“Ingenzi zirashima ubwiza bw’Uburundi”

mercredi 23 Gitugutu 2013

Ubwiza bw’Uburundi, hari abarundi batabubona, ariko ubwo bwiza bukabonwa n’abanyamahanga, nk’uko n’abarundi bayamaze ko uwambaye ikirezi atabona ko cera. Abagendera Uburundi bose bagenda barabwikugura, baravye ibibanza vy’iratiro igihugu gifise, ukwakira neza ingenzi kw’abarundi n’ibindi.

Ku bw’umuyobozi wa Augustine Tours, avuga ko mu Burundi hari ibibanza vyiza vy’iratiro, ishirahamwe arongoye rimenyesha amakungu, ingenzi zigaheza zikaza ku bwinshi. Avuga ko umuco mwiza w’Uburundi, akayaga keza k’ikiyaga Tanganyika, biri mu binezera ingenzi . Augustin Ndikuriyo umuyobozi w’iryo shirahamwe rero akaba amenyesha ko ingenzi ije ibagana bayifasha mu kuyishikana aho yipfuza, bakayereka aho yoruhukira hameze neza kandi naho nyene herekana ubwiza bw’Uburundi.

Umuyobozi wa Augustine Tours mu Burundi

Biciye ku buhinga ngurukana bumenyi, Augustine Tours abantu batari bake baramaze kuyimenya na cane cane ibihugu vyo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, Afrika y’Epfo, Leta zunzubumwe z’Amerika, Uburusiya n’ibindi bihugu. Ingenzi zose zigendeye Uburundi zikaba zishima ibibanza vy’iratiro kuko hari nk’abaza bipfuza kumenya aho uruzi Nil rutangurira, amashuha, isumo ryo mw’ishanga, ibuye Stanley na Livingstone, ingoro z’abami, ibigabiro vy’abami, ibiyaga bigize akarere, na cane cane ko Uburundi buri mu bihugu bigize ibiyaga binini, n’ibindi vyinshi.

Kuva mu mwaka w’ibihumbi 2010 ishirahamwe Agustine Tours ritanguye, riramaze kwakira abatari bake, ndetse abo bose bakaba bashikiriza ukwo babonye Uburundi babicishije ku buhinga ngurukana bumenyi. Nta bunenge abo bose barashikiriza mu gisata c’ukwakira ingenzi canke mu gisata c’ibibanza vy’iratiro.

Ku bijanye n’ukwo akorana n’ubushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’ingennzi, Agustin Ndikuriyo avuga ko imigenderanire bafitaniye ari myiza, ndetse ubwo bushikiranganji bufasha cane ku bijanye n’amahayanishwa butegura, aho kuva muri iyi myaka itatu, ubwo bushikiranganji bwagumye buronka ibibanza vyiza mu mahiganwa yagiye arabera mu gisagara ca Berlin mu gihugu c’Ubudagi, aho Uburundi bwatahukanye ubushimwe.

Asaba abarundi ko bova hasi bagashigikira ibibanza vy’iratiro kuko Uburundi bufise ibibanza vyiza vyotuma ingenzi ziza ari nyinshi, igihugu naco kigashobora kuhinjiriza amafaranga atari make aciye muri ico gisata c’ingenzi. Hako amakungu yokwama yibaza ko inyuma y’intambara Uburundi bwaciyemwo ataciza nakimwe twoba twarasigaranye, yamara ingenzi na bamukerarugendo babone ko ahubwo Uburundi bugeze ku ntambwe yo gushima.

Abandanya ashimira Leta y’Uburundi ko muri iki gihe, yerekanye imigambi myiza yo gukingira ibidukikije no gushira mu ngiro imigambi myiza yo gushigikira ikiyaga Tanganyika n’ibindi bibanza vy’iratiro.

ibuye Stanley na Livingstone
Aho uruzi Nil rutangurira mu Rutovu i Bururi
Piramide mu Rutovu
ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika uja mu Rumonge

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.