Accueil > Amakuru > Amashuri > Ingorane n’umurengera mu gihe abana buca baja mu mashure
 Ingorane n’umurengera mu gihe abana buca baja mu mashure
 Ingorane n’umurengera mu gihe abana buca baja mu mashure
				
				samedi 13 Nyakanga 2014
Mu gihe hagiye gutangura amashure abavyeyi bari n’ibibazo bitari bike ku vyerekeye abana babo mu kurondera ibikoresho bajana kw’ishure.
Uzungurutse mu gisagara ca Bujumbura, usanga abavyeyi bagenda baragura udukaye dukeduke, ubabajije bakakubwira ko kubera ubukene bwishi bagenda baragura make make kugira barabe ko bokwiriza abana. Hari nabatubwira ko ibikoresho vy’ishure vyazimvye baravye uko v yahora bigurwa ku mwaka w’ishure waheze.
Ico kibazo ntikiri ku bikoresho vy’ishure gusa,  kuko ushitse ku basanzwe badandaza imyambaro y’ishure nabo nyene  baridoga ko ibidandazwa vyabo bidasohoka neza, bakibaza aho imyambaro y’ishure yoba isigaye idandarizwa.  Abavyeyi bobo bavuga ko umwana bagenda baramugurira umwambaro umwe umwe k’uwugiye kw’ishure ari mushasha, uwugumye kw’ishure yahorako akazogerageza kugumana izo yahorana. 
Ivyo bimeze uko mu gihe  abavyeyi bafise abana mu mashure yigenga  bo bavuga ko bafise ibibazo vy’umurengera, uhereye  ku mafaranga y’ishure yagiye araduga, imyambaro y’ishure izimvye, n’ibindi.
Hamwe ibintu vyoguma ukwo, abavyeyi bakavuga ko bagiye kuzonanirwa kurihira ivyankenerwa abana babo,mu gihe mu miryango itandukanye ubukene buzura inzara.
Anitha Bizimana

Messages
16 Nyakanga 2014, 13:21, par lyvan
Emwe reta nibone ko abanyagihugu bugarijwe nubukene bwinshi irabe ukuntu yogabnura ibiciro vyibikoresho vyishure kuk abanyeshure nirwo rwaruka burundi bwejo ahandi ho abarundi turajakaye Imana ni yikorer ivyayo itabare abarundi