IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ingorane n’umurengera mu gihe abana buca baja mu mashure

Ingorane n’umurengera mu gihe abana buca baja mu mashure

samedi 13 Nyakanga 2014

Mu gihe hagiye gutangura amashure abavyeyi bari n’ibibazo bitari bike ku vyerekeye abana babo mu kurondera ibikoresho bajana kw’ishure.

Uzungurutse mu gisagara ca Bujumbura, usanga abavyeyi bagenda baragura udukaye dukeduke, ubabajije bakakubwira ko kubera ubukene bwishi bagenda baragura make make kugira barabe ko bokwiriza abana. Hari nabatubwira ko ibikoresho vy’ishure vyazimvye baravye uko v yahora bigurwa ku mwaka w’ishure waheze.

Ico kibazo ntikiri ku bikoresho vy’ishure gusa, kuko ushitse ku basanzwe badandaza imyambaro y’ishure nabo nyene baridoga ko ibidandazwa vyabo bidasohoka neza, bakibaza aho imyambaro y’ishure yoba isigaye idandarizwa. Abavyeyi bobo bavuga ko umwana bagenda baramugurira umwambaro umwe umwe k’uwugiye kw’ishure ari mushasha, uwugumye kw’ishure yahorako akazogerageza kugumana izo yahorana.
Ivyo bimeze uko mu gihe abavyeyi bafise abana mu mashure yigenga bo bavuga ko bafise ibibazo vy’umurengera, uhereye ku mafaranga y’ishure yagiye araduga, imyambaro y’ishure izimvye, n’ibindi.

Hamwe ibintu vyoguma ukwo, abavyeyi bakavuga ko bagiye kuzonanirwa kurihira ivyankenerwa abana babo,mu gihe mu miryango itandukanye ubukene buzura inzara.


Anitha Bizimana

Messages

  • Emwe reta nibone ko abanyagihugu bugarijwe nubukene bwinshi irabe ukuntu yogabnura ibiciro vyibikoresho vyishure kuk abanyeshure nirwo rwaruka burundi bwejo ahandi ho abarundi turajakaye Imana ni yikorer ivyayo itabare abarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.